logo
feat-img

Abanyamahanga mu Gisekuru ca Yesu

February 16, 2026

Matayo

Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube

Abayahudi bari abantu babika cane intonde z'amazina yimiryango uko ibisekuru bigenda bikurikirana. Ivyo vyabafasha kwerekana umuntu kanaka uwo ari we, ivyafitiye uburenganzira, umwandu wiwe.

Mugihe Luka afise urutonde rw’igisekuru ruva kuri Dawidi gushika kuri Adamu, kugira ngo yerekane ko Kristo ari Umwana w’Umuntu kandi yaje gukiza abanyamahanga, Matayo wewe igisekuru ciwe gifatanya Yesu hamwe na basekuruza babiri bakomeye b'Abayahudi: Aburaham na Dawidi.

Muntumbero yo kwemeza abayahudi yariko arandikira ko Kristo afise uburenzanire rwo kwima ingoma ya Dawidi nk’Umwami yari yarasezeranywe, iki gisekuru kiramufasha. Yerekana kandi kwafitaniye isano na Aburahamu.

Kino gisekuru Matayo yandika kirarenze intonde z’amazina gusa. Harimwo vyinshi biduhishurira Ubutumwa bwiza, umugambi w’agakiza, n’umutima w’Imana. Twamaze kuvuga ingene Matayo yifuza kwemeza benewabo w’Abayahudi ko Kristo ari umuragwa w’Ubwami bwa Dawidi, Mesiya yari yarasezeranywe. Ariko kandi muri kino gisekuru tuhasanga umutima wagutse w’Imana ku muce w’abantu bagiye barashirwa kuruhande, ntibiyumvirwe: Abanyamahanga hamwe nabagore.

Intonde zibisekuru ntizaharura abagore nkuko tubisanga muntonde nyinshi zo mwisezerano rya kera. Ariko Matayo tubona yerekana nimiburiburi abagore batanu murino kino gisekuru: Tamari, Rahabu, Rusi, Batisheba na Mariya. Vyerekana kw’Imana iha agaciro abagore, ibaha ikibanza mwishitswa ry’umugambi w’agakiza kandi Ubuntu bwayo busagutse kubantu b'ibitsina vyose.

Ubwakabiri tubona bamwe murabo bagore bari abanyamahanga badafise izina ryubashwe, batazwi neza. Umuhinga muri Kahise kivya Bibiliya, Craig Kenner avugati: nimba harikintu Abayahudi bitondera iyo bandika intonde zabasekuruza yari kwerekana kubwoko bwabo bwera. Nubu iyabantu bashaka kwerekana ko ari abantu b’iteka, bahayagiza igisekuru cabo, bakerekana ko camye ari igisekuru ciza, imico myiza, ubutore, urunganwe kurundi.

Umuhinga Craig Keener avugati: Uretse ko gushira abagore mugisekuru bitakorwa, Matayo arinze abikora yarakwiye guca ashiramwo abagore b’iteka nka Sara, Rebeka, Rakeli nabandi bahizikazi. Ariko tubona ashiramwo abagore bane b’abanyamahangakazi.

  • Tamari: tumusanga mw’Itanguriro 38. Yari umunyamahangakazi abana nabisirayeli. Tubona Imana imurwanirira mugihe yagira arenganywe n'igitsina gabo.
  • Rahabu: Inkuru ya Rahabu iramenyerewe cane. Yari maraya, w’umunya kananikazi azwi nigisagara cose nkumusambanyikazi.Ariko Imana imugirira Ubuntu.
  • Rusi yari umunya Mowabukazi. Ahinduka inakuruza w’Umwami Dawidi, yifatanya n’Abisirayeli
  • Uwundi ni Batisheba , muka Uriya. Yari umupfakazi asirwa na Uriya, umusoda wa Dawidi ariko w’umuheti. Ahinduka nyina w’umwami Salomo.
  • Kukibazo ca “Mbega ibi bitwigisha iki uyu musi” umuhinga Craig Keener aca yishura ati:

    Ubwambere bitwereka kw’Imana yifuza ko turengera imbibe zose zifatiye kumoko, imico, igitsina, kuko urukundo rw’Imana rutugaraniwe kubwoko bumwe.

    Imana yaje kudushikira twese kandi idutumirira natwe kubikora uko. Dukwiye gushikira bose. Nimba dukunda bose, tuzokwifuza kandi gutwara Ubutumwa bwiza kuri bose, abo mumoko yose n’indimi zose.

    Follow us

    Little Flock Copyright (c) 2026.All Rights Reserved

    Little Flock Ministries