Matayo
Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube
Yohana umubatizi atsitazwa n'ivya Yesu! Matayo 11:1-11
Iki ni ikintu gishobora kudutangaza, ariko kandi kiracisha bugufi.
Ni Yohana integuza y'Isezerano risha. Ni Yohana yahishuriwe ubwa mbere Yesu uwo ari we, (Yohana 1:30-34) agahabwa n'ibimenyetso bivyerekana igihe amubatiza.
Ariko muri uyu mwanya Yohana aboshwe ahorwa kubwiza ukuri Herode Antipa. Urupfu rwiwe ruregereje, Yesu aguma avugangwa mu gisagara nawe ari mw'ibohero. Kuki Uwera wa Isirayeli atokora igitangaza akamukurayo? Ibango ryiwe naho ryari iryo gucira inzira Mesiya, Yohana yarashingira intahe Yesu akanatumbereza abigishwa biwe kuri Yesu. Mbega Yesu ntagikeneye ibango ryiwe kuburyo umenga ukubohwa kwiwe ntaco kuvuze?
Kumbure ivyo bibazo n'ibindi vyinshi vyariko biragendagenda mu mutwe no mu mutima, bimutera gutuma abigishwa biwe kubaza bati mbega uri wa wundi yari akwiriye kuza canke twitege uwundi?
No ku muntu nka Yohana yari yarabikijwe amabanga menshi kuri Yesu yaraciye mu gukekeranya, kwiheba, kwicurikira, kudatahura inzira z'Imana igihe zinyuranye n'izacu maze bikadutsitaza.
Ijambo rya Yesu riguma ari inkebuzo: HAHIRWA UWO IVYANJE BITAZOTSITAZA
Hahirwa abashira mu biganza vy'Imana ivyo badatahura. Hahirwa abagumana umutima uciye bugufi wizera, witega no mu bihe tudatahura ivyo Imana iriko irakora.
Abo Yohana yatumye bamaze kugenda kuva ku murongo wa 7 gushika 11 aca atangura gushingira intahe Yohana. Mbega hano iki si igihushane kiryoshe: Yohana yatakaje ivyizigiro muri Yesu ariko Yesu we aracizera umuhamagaro w'Imana ku buzima bwa Yohana.
Yohana muri uno mwanya agaragara ari hasi mu ntege nke mu mwijima wo gukekeranya ariko Yesu amuvuga nk'uwudasanzwe, nk'umunyenkomezi, nk'uwufise uruhara rudasanzwe mu mugambi w'Imana.
Mbega igihushane ciza!
Ishimwe ku gihushane ciza ko n'igihe twatakaje ivyizigiro muri Yo yoyo idatakaza ivyizigiro mu mugambi wayo kuri twebwe.
Little Flock Ministries