Matayo
Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube
Abonye igugu ry’abantu bameze nk'intama zitagira umwungere niho yaciye abarira abigishwa biwe ko bakwiye gusaba Data ngo arungike abimbuzi mu murima wiwe. (Matayo 9:38)
Yaciye ategurira abigishwa cumi na babiri urugendo rw'ivugabutumwa. (Matayo 10)
Iki gikorwa co kubarungika cari intangamarara y'ibango ry'ijanabutumwa kizoshishikara.
Amajambo Yesu akoresha ariko arabarungika yerekana ikintu kimwe nshaka guteberako gato.
Kandi Kahise katwereka ko uku nyene ari ko vyagiye birashika. Abakirisu babaye mu bihugu bitarimwo ihamwa bashobora kwijajara.
None ihamwa rije ni ibiki vyodushoboza guhagarara vy’ukuri?
Iki gice kiratwereka ibitandukanye vyodufasha mu bihe nk'ivyo:
Muri ivyo vyose hari ingingo idahinduka kandi ifata umukirisu uwo ari we wese.
"Uwutikoreye umusaraba ngo ankurikire, ntaba ankwiye. Ushaka gukiza ubuzima bwiwe azobubura, ariko uwuheba ubuzima bwiwe ku bwanje azoburonka.” (10:38-39).
Little Flock Ministries