logo
feat-img

Ibisunika imitima yacu

February 21, 2026

Matayo

Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube

Iki gice ca gatandatu co muri Matayo kivuga ku bintu bitatu vyari bigize idini ry'abayahudi : gufasha aboro, gusenga no kwisonzesha.(Mt 6:1-18).Yesu yerekana kw'ivyo vyose umunyavyaha ashobora kubikora arondera gushimwa n'abantu gusa. Nimba kwiyumvirwa nk'umunyembabazi bisumba kugira imbabazi, nimba kwemerwa nk'umusenzi bikomeye gusumba kuganira n’Imana igihe ata muntu n'umwe ariko aratwumviriza, nimba twisonzesha kugira tuyagire abantu ivyo turiko turakora, aho rero ivyo bikorwa vyose biba ari igisesema imbere y’Imana.

Uburyo bwiza bwo gusuzuma ko ibikorwa turiko tubikorana umutima wo, n'ukubikora ku buryo ata muntu n'umwe abimenya kiretse Imana kandi tukumva ko tunyuzwe tutarinze kumenyekana (6 :14-18). Mur'ibi bikorwa bitatu vyose, ubuzima rukristu burangwa n'cipfuzo c'ukuri co kunezereza Imana, umutima utarimwo kwishira hejuru no gushaka kwereka abandi ko turI abantu b’Imana.

Yesu acabandanya mu mirongo ikurikira uyu mwimenyerezo wo kudufasha gusuzuma ibisunika imitima.

(1)Yesu atubwira ko dukwiye kubika ubutunzi bwacu mw'ijuru, kukw'imitima yacu izokwama ikurikira ubutunzi bwacu. Ivyo duha agaciro bizokwama bikwega imitima yacu, indoto zacu, ubwenge bwacu, umwanya wacu, hamwe n'ibitugize vyose bizokurikira. Ico kintu kizoca gicika « imana » yacu.

Rero ivyo duha agaciro ari ibihera gusa bidahoraho, imana yacu n'isi. Ariko nimba ivyo duha agaciro ari bimwe bihoraho, ibitugize vyose bizokurikira ibifise agaciro kadahera.

(2)Ubwa kabiri nuko iyo umuntu afise imigenderanire y'ukuri n’Imana, yirinda kubaho yidodomba. Duhamagarirwa kwizigira ubwenge bw’Imana, ukugira neza kwayo, ugutondeka ibintu kwayo, naho turi mw'isi y'ibibazo. Kutizigira Imana biserura umutima w'ububapagani.

Muri make, reka dukurikire ubwa mbere Ubwami bwayo n'ukugororoka kwayo, ibisigaye tuyizigire kwikora ibibereye kandi itazodutererana (6:33).

Follow us

Little Flock Copyright (c) 2026.All Rights Reserved

Little Flock Ministries