Matayo
Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube
Igisomwa c’uno musi ni Matayo. 22:41-46. Iyi mirongo irimwo kimwe mu biganiro bigoye mu Butumwa bwiza. Yesu amaze guhwamika ibibazo bitandukanye yabajijwe nabashaka kumutega gusumba kumenya, tubona nawe acabaza ikibazo ciwe: Kristo mumwiyumvirako iki? Ni mwene nde? “ (22:42).
Bamwe mu bayahundi bibaza ko hazoza ba Mesiya babiri. Umwe akomoka mu muryango wa Yuda , uwundi muwa Lewi . Ariko hano aba farisayo batanga inyishu nziza ko bizera ko azoza ari umwana wa Dawidi.
Yesu acarekura ikibazo kimeze nka bombe.Akoresheje Zaburi 110 abaza ati
“ none Dawidi muvya mpwemu yamwitiye iki Umwami.… none ko Dawidi yamwise Umwami, yoshobora ate kuba umwana wiwe ?” (22:43-45).
Nimba Dawidi ariwe yanditse iyi zaburi iri jambo Umwami wanje yariko arivuga ku wundi atari we nyene.
Inyishu kuri kino kibazo benshi batanze b'abahinga muvya Bibiliya baba abahinga b'Abayahundi canke abakirisu nuko Dawidi yariko avugishwa na Mpwemu (22:43) yanditse ahumekewe Zaburi yubuvugishwa ahawe na Mpwemu ivuga kuri Mesiya yagira azoze. UHORAHO (IMANA) yabwiye Umwami wanje (Mesiya), ibikurikira ubona Mesiya agirwa Umwami w'isi yose n’umuherezi atunganye.
Mubihe vyakera ukwabantu batahura guhererekana n’ubusumbasumbane mumiryango, umwana yabonwa nkuwuri musi ya se. Yesu acabaza ikibazo gikomeye. “ nimba Dawidi amwita umwami, nigute yoba umwana wiwe ?”
Inkurikizi za kino kibazo zirakomeye. (22:45). Kuruhande rumwe Mesiya ava mu ruvyaro rwa Dawidi naho imyaka nk’igihumbi iri hagati ya Dawidi n'ivuka rya Yesu. Naho biruko n’umwami yimye nkuwanduruka kuri Dawidi. Ariko kurundi ruhande, uyo Mwami azoba
Uwuhambaye kuburyo na Dawidi ubwiwe amwita Umwami wanje. IKindi gicapo kiri musi yico kiba kiriko kiramanura Kristo nicari.
Little Flock Ministries