logo
feat-img

Ihishurwa rusangi n’Ihishurwa ry’umwihariko

February 17, 2026

Matayo

Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube

Muri Matayo igice ca 2, umwanditsi w’Inkuru Nziza aratwereka, mu buryo bw'ikigereranyo gifadika, inzira zibiri abantu bashobora gucamwo kugira bashike ku kumenya Imana : ihishurwa rusangi n’ihishurwa ry'umwihariko.

1. Abanyabwebwenge b'inyenyeri n’ihishurwa rusangi : ubumenyi bwerekeza kuri Kristo

Ku ruhande rumwe, turahura n’abanyabwenge b'inyenyeri bavuye mu Buseruko. Bitandukanye n’ishusho rusangi ya kera rimwe na rimwe babahabwa, aba bari abanyabwenge b’ukuri bo muri ico gihe: abiga inyenyeri, abahinga mu vy’ikirere, abashakashatsi b’ukuri. Biga kurema kw’Imana n’ubwitonzi bwinshi n’ukwihangana.

Mu buntu bwayo bw’ubwami, Imana yarakoresheje ihishurwa rusangi — kamere, amajuru, amategeko agenga ikirere — kugira ibayoborere ku Nyenyeri ya nyuma, ya yindi yari yarasezeranywe kera na kera :

« Hazovuka inyenyeri ivuye muri Yakobo, hazohaguruka inkoni y’ubwami muri Isirayeli »
(Guharura 24:17)

Amajuru ubwayo arashingira intahe ubukuru bw'Imana :

« Amajuru avuga icubahiro c’Imana, ikirere kikamenyesha igikorwa c’amaboko yayo »
(Zaburi 19:2)

Gutyo, biciye ku kwitegereza isi yaremwe, Imana yarabayoboye gushika kuri Yesu Kristo, uwo bapfukamiye bakamusenga :

« Babonye umwana ari kumwe na Mariya nyina, baramupfukamira baramusenga »
(Matayo 2:11)

Kahise k’ishengero karatwereka ko abo banyabwenge b'inyenyeri batari bo bashakashatsi bonye bahindukiriye Imana.

Abashakashatsi benshi b’ibihangange barabonye, biciye mu bumenyi, ikiganza c’Umuremyi, maze barangiza ubuzima bwabo basenga Kristo.

Johannes Kepler, umuhinga wa mbere mu bihe vyanone kubijanye n'inyenyeri (astronomie) yavuze ko kwiga ivyaremwe atari ikindi atari kwiyumvira ivyiyumviro vy’Imana inyuma yayo ihereje kurema.

Isaac Newton, n’aho yashinze imizi y’ubuhinga bwa fizike, yamaze igice kinini c’ubuzima bwiwe yiga Ivyanditswe.

Blaise Pascal, umuhinga mu biharuro hamwe n'impinyanyuro y'ivy'iyumviro (Philosophie), yavuze ati :

« Imana ya Aburahamu, iya Izahaki n’iya Yakobo, si Imana y’abahinyanyuzi b'ivyiyumviro n'abanyabwenge gusa ».

Ariko Ivyanditswe biratomora neza : ihishurwa rusangi ryonyene ntirikiza. Riratanga umuco, riratanga icerekezo, ariko ntirihindura umutima. Nk’uko intumwa Pawulo avyigisha :

« Ico umuntu ashobora kumenya ku Mana kiragaragara… ni co gituma batagira ico bireguza »
(Abaroma 1:19–20)

Irema rirashingira intahe Imana, ariko kandi rikarushiriza kwagiriza umuntu, iyo yanse gukomeza urugendo rujana kuri Kristo.

2. Abanyabwenge b'Ivyanditswe n’abaherezi : ihishurwa ry'umwihariko ritarimwo uguhimbaza.

Ku rundi ruhande, Matayo aratwereka inkuru ihushanye kandi ibabaje cane. Abanditsi n’abaherezi bari bazi neza Ivyanditswe. Bari bazi aho Mesiya ategerezwa kuzovukira :

« Nawe Betlehemu… muri wewe hazovuka umutware azoragira Isirayeli »
(Mika 5:1, asubirwamwo muri Matayo 2:6)

Bari bafise ihishurwa ry'umwihariko : Ijambo ry’Imana ryanditswe, ubuvugishwa, inyigisho zitomoye. Ariko hari ikintu kiboneka cane :

  • ntibagenda,
  • ntibamurondera,
  • ntibamusenga.
  • Baguma ku gutanga amakuru ndoramana gusa. Mbega ubutunzi bw'impwemu bupfishijwe ubusa!

    Mu nyuma, Yesu yarabakankamiye bikomeye ati :

    « Murasesengura Ivyanditswe kuko mwibaza ko muri vyo ari ho mufise ubugingo budashira; kandi ni vyo bishinga intahe kuri jewe. Ariko ntimushaka kuza kuri jewe ngo mugire ubugingo »
    (Yohana 5:39–40)

    Ivyanditswe si iherezo ry’urugendo, ahubwo ni inzira idushikana kuri Kristo, kugira tumusenge kandi tumwumvire :

    « Nimusomagure Umwana, kugira ntarake… hahiriwe abamwizigiye bose »
    (Zaburi 2:12)

    Ariko benshi baguma ku rwego rw’amakuru gusa : ubumenyi bwa Bibiliya ata guhinduka kw’umutima, inyigisho ata kwiyegurira Imana, ukuri ata gusenga.

    3. Akamaro k’igikorwa ca Mpwemu Yera

    Nta buhinga, nta bwenge bw'ivy'indoranamana, eka nta n’ubumenyi bwinshi bwa Bibiliya bishobora vyonyene gukiza umuntu. Ata gikorwa ca Mpwemu Yera, nta muntu ashobora kuza kuri Kristo mu vy’ukuri :

    « Nta muntu ashobora kuza kuri jewe, Data yantumye atamukwegerey »
    (Yohana 6:44)

    Abanyabwenge b'Ivyanditswe bararonse umuco uvuye mu kwiga Ivyaremwe maze barongorerwa na Mpwemu kuri Kristo.

    Abanditsi bo bari bafise Ivyanditswe, ariko imitima yabo ntiyahinduwe. Agakiza kaboneka aho ihishurwa rishikana ku gusenga, n’aho Mpwemu Yera ahindura ubumenyi bukaba ukwizera kuzima.

    Twiyumvire dusenga

    Matayo 2 iraduhamagarira kwibaza utu tubazo:

  • Turashaka kuba abarondera ukuri nk’abanyabwenge b'inyenyeri bagenda gushika kuri Kristo bakamusenga ?
  • Canke dushaka kwigumira mu bumenyi ariko tukigumira aho gusa ntibiturongorere mu gusenga ?
  • Kuko ihishurwa ryose ry’ukuri — rusangi canke ry'umwihariko —ryuzuzwa neza muri Yesu Kristo.

    Follow us

    Little Flock Copyright (c) 2026.All Rights Reserved

    Little Flock Ministries