logo
feat-img

Intama mirongo icenda n’icenda yasize n’intama koko?

March 21, 2026

Matayo

Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube

Iki gisomwa co muri Matayo 18:12–14 ni kimwe mu bisomwa bizwi cane… ariko kandi kikaba kiri mu bidasigurwa neza. Umugani w’intama yazimiye akenshi usomwa mu buryo bworoshe cane, umuntu ntahagarare ku kibazo gihambaye cane arico: izo ntama mirongo icenda n’icenda ni bande mu vy’ukuri? Mbega ni intama koko?

Iyo umuntu asomye neza yitonze, ntashobora kubura amakenga. Nta kintu na kimwe kivuga neza ko izo ntama mirongo icenda n’icenda ziserukira abizera b’ukuri. Mbega ntizoshobora gusobanura igugu ry’Abafarisayo—abantu biyizigira, biyumvira ko bameze neza imbere y’Imana, ariko badashobora kwemera uko bameze mu vy’ukuri imbere yayo? Ni ukuvuga ko na bo ubwabo ari abazimiye?

Luka, na we nyene asubiramwo uwo mugani, agaca atanga umuco utomoye, ibintu bigaca vyumvikana neza. Muri Luka 15:7, Yesu aravuga ati:

« Ndababwira yuko mw’ijuru bazonezerwa cane kubera umunyavyaha umwe yihanye, kurusha abagororotsi mirongo icenda n’icenda batarinda kwihana .

Iryo jambo "batarinda kwihana" ryari gusobanurwa neza gusumba nka _« batabona ko bakeneye kwihana »_kuko Yesu ariko avugisha imvugo y'agahemo hano. Iryo jambo rero riratera kwiyumvira cane. Abo “bagororotsi” vy'ukuri ntibakeneye kwihana—canke ni ko bibwira, bihenda mu mitima yabo?

Ariko none, mbega umuntu yoshobora koko kuba intama yo mu mugwi w’Imana atigeze amenya ukwihana? Atigeze aririra ivyaha vyiwe, atigeze ahindukira bivuye ku mutima akava mu bintu bitashimisha Imana, atigeze agira iryo hinduka rikomeye ry’umutima Bibiliya yita guhinduka?

Ukwihana nk’uko Bibiliya ikwigisha si ukwicuza kw’akanya gato gusa; ni uguhinduka kw’imbere mu mutima:

« Mutabure imitima yanyu, si impuzu zanyu, musubire ku Uhoraho Imana yanyu » (Yoweli 2:13).

Nimba izo ntama mirongo icenda n’icenda zitazi uko kuri, biragorana cane kuziraba nk’intama z’ukuri. Ziyumvira ko zitekanye, ariko ukwizigira kwazo ni ukwibesha.

Ni co gituma Yesu ahitamwo kwegera abantu batazi vyinshi, abanyavyaha bazi ko bari mu bukene bwo mu mutima, aho guta umwanya mu mpari n’abiyumvira ko ari intama kandi atari zo. Yesu ubwiwe arabivuga adacishije ku ruhande ati:

« Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo nazanywe no guhamagara abanyavyaha » (Matayo 9:13).

Ariko none, abo “bagororotsi” biyumvira ko badakeneye Kristo, mbega ni abagororotsi b’ukuri?

Naho uwo mugani akenshi ukoreshwa mu bijanye n’ivugabutumwa ryo guhamagarira kurondera abazimiye, ntitwibagire ko ari cane cane ijambo ryo gukebura no guhangana n’uburyarya bw’abiyita abagororotsi. Yesu yawuvuze kugira ngo anyiganyize ukwiyemera kw’idini kw’Abafarisayo, ahishure ukwihenda kwabo, kandi yerekane ko akaga nyakuri ko mu mpwemu atari gusa kuzimira kugaragara, ariko kenshi ari ukwibesha ko umuntu yamaze gukizwa. Ariko ivyo vyose mu ntumbero yo kuburira abigishwa ngo birinde ako gatima.

Ni co gituma mw'ijuru batanezerezwa n’abantu biyumvira ko ari abagororotsi, ahubwo banezerezwa n’umuntu yemeye ko yazimiye… hanyuma agasubira ku Mwungere n’umutima wicishije bugufi.

Iyo amashengero yacu arwiriyemwo " abagororotsi " batarinda kwihana...niwo mwanya dukeneye kwumviriza aya majambo ya Yesu. Reka dukore ikinezera ijuru vy'ukuri...kudata umwanya n' "abagororotsi "Yesu adusaba gusohoka gusanga abanyavyaha kuko naho yobumwe imbere y'Imana asumba amasinzi y'abakirisu baguma baza kwumviriza kuwimana inyuma yuwundi ariko "batagikeneye kwihana".

Follow us

Little Flock Copyright (c) 2026.All Rights Reserved

Little Flock Ministries