Matayo
Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube
Umuhinga Wayne Grudem avuga ko igitangaza ari ugukora kw'Imana kutamenyerewe aho biciye muri ukwo gukora yishingira intahe, maze igatuma n'abantu bayitangarira. Muriki gice ca 14 muri Matayo tuhasanga ibitangaza bitandukanye Yesu akora. Arahaza abantu ibihumbi bitanu, akagendesha amaguru hejuru ku kiyaga agasaba na Petero ko amusanga ku mazi, igice kirangira Yesu akiza abarwayi benshi icarimwe. Aho hose umusomyi ntabura gutangarira ugukora kw'Imana guhebuje.
Kuri bamwe intumbero ya bino bitangaza n'imwe: gushingira intahe intumwa nkabashumba n'abamamaji b'Ubutumwa bwiza. Ariko ibitangaza ntivyama bifatanye n'intumwa gusa urabisanga no mu bakirisu basanzwe mw'Isezerano rishasha b'iRoma(abaroma 12); i Korinto (1Kor12-14); i Samariya (Ivyak 8); Kayisariya (Ivyak 10); Antiyokiya (Ivyak 13); Efeso, (Ivyak 19); Tesalonika (1Tes 5); i Galatiya (Gal 3)
Intumbero z'ibitangaza ziratandukanye no muri kino gice nyene cacu ca 14. Ndibaza ko ari ikosa rikomeye kwama turondera intumbero imwe y'ibitangaza muri Bibiliya dusunitswe n'umutima wo kwerekana ko uyu musi Imana itagikora ibitangaza. Muri iki gice nyene Yesu akora ibitangaza ku mpamvu zitandukanye:
Little Flock Ministries