logo
feat-img

Intwazangabo y’Umuromani itwigisha ukwizera gutangaje

February 24, 2026

Matayo

Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube

Igisomwa c’uno musi ni Matayo 8:5-13

Kubera iki Yesu atangajwe n'ukwizera kw'iyi ntwazangabo? (Matayo 8:5-13) Iyi ntwazangabo isaba Yesu ko atazorinda kwinjira mu nzu yiwe, ko ijambo ryiwe rihagije kugira rikize umushumba wiwe.

(8:9) None ibi bitwereka gute ukwizera gutangaje? Hari ibintu bitatu vyerekana ko uku kwizera gutangaje.

(1) Ubwa mbere dutahure ko cari igihe abantu bizera ibintazi vyinshi. Ariko tubona iyi ntwazangabo itizera ko ubushobozi buhagaze ku mangetengete, ko bisaba ko Yesu aba ahari akamukorako. Yatahura ko ijambo ryiwe ryonyene rihagije.

(2) Naho ata vyanditswe yari azi cane ariko tubona ivyo avuga bihwanye cane n'ico Bibiliya yigisha. Yari azi ko ari umunyamahanga. Yari azi bike mu vyanditswe ugereranije n'abandi Bisirayeli. Ariko ukwizera kwiwe kwarimwo akanovera, kwimbitse kandi kukaba ukutagira akarohe, ukwizera kugaragaramwo kwubaha Kristo gusumba ukwo abisirayeli.

(3) Ica gatatu uku kwizera kwiwe kuratangaje ufatiye ku karorero akoresha. Avuga ko nawe ari umuntu afise abo atwara bari musi y'ububasha bwiwe. Iyo atanze itegeko yaritanga nk'umutegetsi mukuru, uwo nawe yavugira mu bubasha bwa Kayisari. Ububasha bwa Kayisari nibwo iyi ntwazangabo yategekeramwo, atari uko we ubwiwe ari Umwami w'abaroma. Iyi ntwazangabo yatahura gutyo n'ububasha bwa Yesu Kristo. Yatahura ko Yesu avuga mu kibanza c’Imana. Ni ivy'ukuri ko gutahura ko Yesu aserukira Imana atari igicapo gihagije c'ico Yesu ari ariko amaso yiwe yarashoboye kubona ko Yesu ari uwudasanzwe.

Follow us

Little Flock Copyright (c) 2026.All Rights Reserved

Little Flock Ministries