TURIMBURE KW’IVUKA RYA ISAKA : ITANGURIRO 17
Iyi nkuru kenshi y’ivuka rya Isaka mu buryo bw’igitangaza turakunda kuyirabishako iyo turi mu bihe bigoye vy’ubugumba no kutaronka umwana, kw’Imana itegerezwa kubidukorera nk’uko yabikoreye Sara, nimba twizeye kandi tur’abana ba Aburahamu.
Ivuka rya Isaka, ivuka ritangaje…
Nivyo iyi nkuru ya Isaka iratubwira Imana y’ubushobozi kandi ishoboye vyose, kandi n’ubu iracakora, irashoboye kubikora. Ariko ico iyi nkuru igamije ubwa mbere na mbere, s’ukutwereka ingene imana izodukorera ibitangaza nitwaca mu bihe nk’ivyo, ahubwo idutumbereza kuri Kristo, mu kutwereka umugambvi w’agakiza wagira ng’userukire mu buryo bwuzuye muri Yesu Kristo. Ukw’imana yagenda ikurikirana umugambi wayo, tugenda tubona itoranya uwundi muntu abe igikoresho kidasanzwe cegereza isi ku kuvuka kwa Yesu Kristo. Twibuke ko mw’itanguriro 3 :15 dusezeranirwa uruvyaro kandi kw’Imana igenda irondera uruvyaro rutunganye, ayo masezerano akava kuri Aburahamu, akabandaniriza kuri Isaka, Yakobo, Yuda, gushika igihe Yesu Kristo azozira. Hano, n’ikigereranyo ya Yesu Kristo mw’ivuka ryiwe ry’itangaza riteye kubiri n’amategeko y’umubiri ingene akora. Yesu avuka ku nkumi itari izi umugabo. Iyi nkuru ya Isaka ituburira ko rwa ruvyaro rwasezeranwa mw’itanguriro ko narwo nyene ruzovuka mu buryo bw’igitangaza.
Ivuka rya Yesu Kristo , ivuka rihebuje…
Mu gucika umuntu biserura :
Ingene bikora kwishengero:
Ntawohakana kwiyi nkuru yivuka ryigitangaza rya Isaka riserura Imana y’Ubushobozi. Ntawohakana kandi ko iyi Mana yubushobozi yihishura gusumba mwivuka rya Yesu Kristo. Nkuko Umumalayika abitangaza Umwana ataravuka: UBUSHOBOZI BW’ISUMBA VYOSE buzogutera igitutu( Luka 1:35).
Iyo niyo Mana igenda izigama ishengero rigenda ryaguka, rinesha inkomezi za wa mubi. Ni nayo Mana izogaruka kandi ikadutwara mw’ijuru kubana nayo ibihe bidashira. Niyo Mana izozura n’abari barapfuye kugira ngo baraganwe n’abandi bose twinjiye mu bwiza butazohera. Ivuka rya Yesu riserura ubushobozi kandi ubwo bushobozi nyene nibwo bufatanye n’agakiza yaje kutuzanira. Paulo ariko ararimbura kukindi gitangaza cubuzima bwa Yesu arico kuzuka acarimbura kwishengero ati: mumenye n’ubwinshi buhebuje bwubushobozi bwayo ikoreshereza muri twebwe abizera, nkuko kwa gukora kwa gukora kw’ububasha bw’ubushobozi bwayo kungana, ukwo yakoreye muri Kristo, hamwe yamuzura mubapfuye.” (Efeso 1:19-20)
Ishengero ririndiranye igishika kwubwo bushobozi bunagur vyose nkuko Paulo avugati” Tweho iwacu nimwijuru, niho twiteze Umukiza kwazova, niwe Mwami Yesu Kristo, azohindura imibiri yacu yubufafara ishushanywe numubiri w’ubwiza bwiwe nkuko afise ubushobozi bumubashisha kwiganzira vyose” Abi filipi 3:20-21
Mukurindira Imana iraduha umushuzo wubwo bushobozi buzonagura vyose muburyo bwingabire za Mpwemu harimwo nizo gukiza indwara nibitangaza. Sinifuza ko uwuriko arasoma aya majambo yibaza kwimana itagitanga ivyara muburyo bwigitangaza akwiye kurindira inagurwa rya vyose Yesu niyagaruka. Bibiliya iraduhonja ku “UBUBASHA BWO MUGIHE KIZOZA” Abaheburayo 6:5.
Little Flock Ministries