Matayo
Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube
Igisomwa cacu cuno musi kiri muri Matayo7:6.
Nk’uko umuhinga Craig Keener abivuga, imbwa mu gihe ca kera ntivyari ibikoko bitungwa mu nzu nk’uko tubibona muri iki gihe. Vyari ibikoko vyangara kandi vy’inkazi, bifatwa nk’ibimenyetso vy’isoni, ububi n’ukwandura. Ingurube nazo carikizira ku muyahudi. Nta mwisirayeli yazitunga munzu. Cari ikimenyetso c'ukwandura.
Ayandi majambo akoreshwa muri uyu murongo ni “ivyera” hamwe na “imaragarita” (perle) canke “ikirezi”. Ivyera ryakoreshwa mu kuvuga amashikanwa, canke ibintu vyera vyo mu ngoro. Imaragarita yari ikigereranyo c’ivy’agaciro
Ico aya majambo adashaka kuvuga ni uko hari ubwoko bw’abantu tudakwiye kubwira Ubutumwa bwiza. Turazi neza ko vyari vyoroshe kubona ko ivyo bikoko bisobanura abanyamahanga. Ariko igitabu c'Ivyakozwe n'intumwa kitwereka ko ayo majambo adasobanura ko abanyamahanga bose ari imbwa n’ingurube badakwiye kwakira Ivyera vy’Imana. Turazi kenshi bakiriye ubutumwa bwiza n'umutima wo.
Uyu murongo ntutwigisha kubo tudakwiye kubwira Ijambo ry’Imana, ahubwo utwigisha kugira ubwenge no kwitonda mu gusangiza abandi ukwizera.
Abandikiwe ubwa mbere uyu murongo bari Abayahudi bizera, bariko barahamwa n’abandi Bayahudi batizera Yesu. Hagati y’iyo mirwi, haraba impari zikomeye mu masinagogi.
Inyuma y’isangangurwa ry’Ingoro y'i Yerusalemu mu mwaka wa 70, amasinagogi yarahamye cane abizera gushika ku bwicanyi. Muri urwo rwego, ukwihangana n’amakenga kwari ngombwa mu gusangiza abandi ubutumwa.
Matayo afise vyinshi avuga ku nyifato y'uwizera mu kirere c'ihamwa no kutakira ukuri:
Hamwe avuga:
Izo ngurube zizobahindukirira (10:16) avuga ko bazoba nk’intama mu mabingira, kandi ko bazokubitirwa mu masinagogi (10:17)
Barasabwa kandi kutagira isoni mu gihe bakeneye guhunga (10:23)
Matayo 7:6 rero itwigisha amakenga mu gusangiza ukwizera, kugira ngo ubutumwa ntibukengerwe canke ngo twebwe tugire ingorane bidakenewe.
Aya majambo yaragize insobanuro ifadika ku bakirisu batari abayahudi babanje guhamwa n’abanyamahanga, nk'uko tubibona mu gitabu c'Ivyakozwe n'intumwa. Uyu murongo wabafasha kugira ubwenge n’amakenga mu gusangiza ubutumwa abandi.
Ingurube canke imbwa ntibivuga ubwoko bw’abantu, ahubwo ni inyifato kanaka. Umurongo ntutwigisha abo tudakwiye kubwira Ijambo ry’Imana, ahubwo utwigisha igihe dukwiye kwitonda, tugasubiza umugongo inyuma tutagira isoni ariko mu bwenge.
Ntidukwiye kwiyumvira ko twananiwe mu gihe nk’ico, ahubwo dukwiye gukurikirana umuyoboro w'Imana ahandi iturungitse.
Urukundo rurakenewe, ariko rukwiye kujana n’ubwenge bwo kurobanura. Kuguma ahantu bitagikenewe bishobora guteza akaga:
Ukuri kwera kurakengerwa, kugafatwa nk’ibisanzwe mbere bigatera ingorane ku muvugabutumwa bidakenewe ubuzima bwiwe bukaja mukaga atari vyo Imana yashaka muri uwo mwanya.
Iki cigwa Paulo yarakimenye neza:Mu masinagogi yagerageza gusobanura ivya Kristo (Ivyak. 17)
Akamenya ryari ibiganiro bitariko bitanga umwimbu, agaca yihagurukira akaja ahandi (Ivyak. 17:33)
Mu nyuma, akoresha uburyo bwo guhanagura inkungugu y’ikirato, akimukira ahandi (Ivyak. 18:6)
Matayo 7:6 hatwigisha ayo makenga ya Paulo, aho tudata umwanya ku bantu batiteguye kwumvira, ariko tukagumana umwete wo gusangiza Ijambo ry’Imana abandi.
Twegeranije hamwe Matayo 7:6 hatwigisha:
Little Flock Ministries