logo
feat-img

Ku bantu ntibishoboka, ku Mana birashoboka

March 23, 2026

Matayo

Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube

Inyuma y'ikiganiro hagati ya Yesu numusore w’umutunzi, Yesu abwira abigishwa biwe:

Nukuri nukuri ndababwire, sicoroshe kumutunzi yinjira mubwami bwijuru. Icoroshe nuko ingamiye Ica muzuru ryurushinge hako umutunzi yinjira mubwami bw’Imana. “(Mat. 19:23-24).

Tubona abigishwa batangara bakabaza “none rero ninde yokizwa?” (19:25).

Iki kibazo c’abigishwa cerekana ikintu gikomeye. Birashoboka ko biyumvira nk'abandi bose ko itunga ryerekana kwemerwa n'Imana kandi kuko uyu musore yarafise ingeso nziza inyuma, ubutunzi nabwo bwaca bwerekana ko Imana ishima ingeso ziwe. Yesu yifuza ko batahura ko ubutunzi kuri benshi butuma bategera Imana n'umutima uciye bugufi nk'umwana muto,ukeneye Imana nubuntu bwayo…

Inyishu ya Yesu yari" kubw’abantu ntigishoboka ariko ku Mana vyose birashoboka." (19:26).

Aho niho ivyizigiro vyacu bihagaze. Biri mu Mana ifata abantu batabereye, baba abatunzi canke abakene igahindura imitima yabo, ikandika ivyagezwe vyayo kumitima yabo Ubuntu bwayo bukabakiza. Aho niho ivyizigiro vyacu bihagaze honyene, haba ku mutunzi canke kumukene.

Follow us

Little Flock Copyright (c) 2026.All Rights Reserved

Little Flock Ministries