logo
feat-img

Kugirira neza umwe muri aba ari hanyuma y’abandi

March 30, 2026

Matayo

Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube

Umugani w’impene n’intama (Mat. 25:31-46)ukunze gusobanurwa gurtya: utwereka abashonje, abanyotewe, abagenda gusa, abarwayi nabari mumabohero. Ni umugani utwigisha vyinshi twebwe ababayeho mugihe abakene, nabatorohewe mumibereho birengagizwa. Hano Yesu, umwana w’umuntu kandi Umwami avuga ati

nukuri ndababwire, ico mwakoreye umwe muraba ari hanyuma y’abandi, nijewe mwagikoreye .” (25:40; cf. v. 45).

Mbega ibi ntivyerekana ko iyo dukoreye abagowe tuba dukoreye Kristo? Mbega iki sico cerekana abigishwa ba Kristo vyukuri? Kenshi uyu mugani niko usobanurwa

Ku ruhande rumwe vyongora kuvuguruza kino ciyumviro kuko nivyankenerwa cane ko abazi kandi bakurikira Imana berekana mubuzima bwabo impuhwe, imbabazi, gukorera no kwitangira abandi. Bibiliya irigisha no mubindi bice ibijanye no kwitaho abakene.

Ariko sinibaza kwibi ariwo mutima w'igisomwa. Hari iyindi nsobanuro nibaza kwariyo gusumba. Haribintu bibiri bidufasha gutahura iki gisomwa gusumba.

(1)Yesu avuga ko ivyo bakoreye intama, kwivyo bakoreye bene Se ba Yesu ari wenyene ubwiwe

Babikoreye (Soma 25:40; canke umurongo wa 45). Ibi vyerekana ko iyi mirwi yose yavuzwe yabariko barababara bose bavurwa hano nk'intama.

Iki gisomwa ntikivuga ibijanye nokugirira impuhwe bose mukivunga (naho navyo arivyiza kandi tubisanga mu bindi bisomwa) ariko iduhamagarira kugirira impuhwe abigishwa ba Yesu bashonje, banyotewe, bari mwibohero

(2)Ubwa kabiri, yaba intama, yaba impene (25:37, 41, 44) bose baratangazwa no kwumva ko ivyakorewe uwanyuma mu bigishwa ba Yesu vyakorewe Yesu ubwiwe.(nabirengagije umwe mubigishwa biwe yirengagije Kristo ubwiwe) Yesu yishushanya nabano bigishwa biwe bariko baca mubikomeye . Akarorero, igihe Sauli (Paulo) yahama ishengero yumvise ijwi rimubwira ko ariko ahama Yesu ubwiwe. (Ivyak 9:4).

Abigishwa ba Yesu bishushanya nuwo wese mubizeye afise intege nke, akengeretse kandi ivyo nivyo bitandukanya impene n'intama. (25:32-33).

Mbega ncuti, nigute ufata abandi bigishwa ba Yesu? Ni gute ufata nuwo hanyuma muri bene Se na Yesu? Nikimwe muvyerekana kuri impene canke intama.

Follow us

Little Flock Copyright (c) 2026.All Rights Reserved

Little Flock Ministries