logo
feat-img

Kumbure Yuda ni jewe

March 31, 2026

Matayo

Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube

Igisomwa cacu uyu musi kivuga kuri Yuda. Matayo 26:47-50

Yuda asanzwe afatwa nk’umwana mubi mu nkuru y’ifatwa rya Yesu Kristo. Ku mugoroba wo ku wa Gatatu, yari yagiye mu nama y’ibanga yo gucura umugambi n’abaherezi bakuru. Igitangaje nuko ku musi wakurikiye, yari yicaranye na Yesu n’abandi bigishwa mu nama yera.

Aho ni ho yamenyeye ko Yesu atari ayobewe ivy'umigambi wiwe, ariko ntivyamubujije kubandanya umugambi wiwe yari yamaze gushiraho. Mu mutima ukomantaye, Yuda ntiyigeze yihana uwo mugambi ugayitse wiwe. Yarabadutse muri iyo nama, aja kuyobora abansi ba Yesu aho yari ari. Kugira ngo bamumenye neza uwo bagomba gufata, yari yabahaye ikimenyetso c’uko azomusoma.

« Akivuga, haza igitero kizanywe n'uwitwa Yuda, umwe muri bamwe cumi na babiri, abagiye imbere: yegera Yesu, ngw amusome. » Luka 22 :47

Ugusoma kubereye Umwana w’Imana.

Imyaka igihumbi imbere y’ivyo, umwanditsi wa Zaburi yari yaravuze ko uwukomoka mu ruvyaro rwa Dawidi azokwankwa n’abantu, kandi isi yose ikamurwanya (Zaburi 2).

Yaravuze ko Imana ifise ubushobozi bwinshi cane ku buryo imigambi yayo y’ubwami bwa Mesiya idashobora guhagarikwa n’abantu bikakisha. Izobacira urubanza kandi ibarimbure. Iyo Zaburi irangiza ihamagarira abantu kwirinda urwo rubanza mu kwicisha bugufi, mu guha icubahiro no gusenga Umwana w’Imana. Ijambo rikoreshejwe ni iri: “Mugumbire urya mwana” (Zaburi 2:12).

Mu bihe vya kera, ugusoma kwakoreshwa nk’ikimenyetso c’icubahiro, ukwemera ubutegetsi no kugamburukira umutegetsi. Nk’akarorero, raba ico Imana yabwiye Eliya ku bijanye n’abantu bo muri Isirayeli yari yarasigaranye nk'abizigirwa:

“Yamara rero, ngiye kwisigariza abantu ibihumbi ndwi mu Bisirayeli, batigeze bapfukamira Bayali canke ngo bamusome.”

1 Abami 19:18

Yuda yari yaragendanye na Yesu, aramwumva incuro nyinshi, ariko ntiyigeze amusoma mu buryo bwo kumuyoboka, kumwubaha no kwiyegurira ubutegetsi bwiwe. Ku bw’ivyo rero, ntibidutangaza kubona ukumusoma kwiwe kugamije kumugurisha.

Ugusomana kw’uburyarya

Mu gihe ca Yesu, ugusoma kwari ikimenyetso c’indamutso. Kwari gukoreshwa gusa hagati y’abantu b’igitsina kimwe. Igihe Yuda aza gusoma Yesu, cari nk'ikimenyetso ahaye abasirikare kibamenyesha Yesu uwari we. Yabikoze mu buryo bukomeye kandi bwuzuye ibigumbagumba vyinshi. Ijambo ry’Ikigiriki ryakoreshejwe ngaha ni kataphiléo (Mariko 14:45), atari gusa philéo. Iryo jambo ntiryafashwe minenerwe n'abahinga b'indimi zikoreshwa muri Bibiliya.

Iryo jambo nyene rikoreshwa igihe Mariya w’i Betaniya yasoma ibirenge vya Yesu mu rukundo rwinshi (Luka 7:45). Rirakoreshwa kandi igihe abakuru bo muri Efeso basoma Paulo mu kumusezera, bafise agahinda kenshi (Ivyakozwe n’Intumwa 20:37). N’igitabu The Expositor’s Greek Testament kivuga ko Yuda “yasomye Yesu n'inkomezi nyinshi zuzuyemwo urukundo rwinshi cane.” [1]

Ivyo vyerekana uburyarya buteye ubwoba, bikaba n’akarorero k’imburi kuri twebwe.

Yuda yagaragaza inyuma nk’uwiyeguriye Yesu n’igikorwa ciwe, ariko umutima wiwe ntiwari wunamiye ubwami bwa Yesu canke ubuntu bwiwe. Ivyo Craig Keener yavuze birakwiye kwitwararikwa:

“Icibonekeza cane muri iyi nkuru ni uko ari umwigishwa yagurishije Yesu. Kwiyegura kwacu kw'uyu musi ntivyemeza ko kuzogumaho gushika ku mpera, kuko mbere n’abigishwa bashobora guhinduka abagurisha/abahemu.” [2]

Petero, uwundi mwigishwa wa Yesu, nawe nyene yarahakanye Umwigisha wiwe, ariko ubuntu bwa Yesu bwaramugaruye. Kimwe mu bikoresho Imana ikoresha kugira idukingire kandi idusubize mu nzira, ni ukuduhishurira imburi n’ivyitonderwa biri mu Vyanditswe. Vyoba ari ukwiyemera cane gutunga urutoke Yuda nk’umuntu mubi mur'iyi nkuru, aho kuza imbere y’Imana n'umutima umenetse nk’uwa Petero, tukemerera Mpwemu Yera n’Ijambo ry’Imana kuduhishurira “Yuda” yinyegeje muri twebwe.

Ugusomana mw’Isengero.

Intumwa zibiri zikomeye cane mu mateka y’ubukristo zarahimirije abera bose kuza bararamukanisha "kugumbirana kwera".

Abaroma 16:16; 1 Abakorinto 16:20; 2 Abakorinto 13:12; 1 Abatesalonike 5:26.

Amwe mu masengero ya kera yarashize mu migenzo yayo ukwo kugumbirana kwera. Mu Rusengero rwa Orthodoxe, ukugumbirana kwera gukorwa inyuma y’inyigisho. N’amasengero amwe amwe ya Pentekoti, nk’iya Assemblées de Dieu, aracabandanya uwo mugenzo w'ukugumbirana kwera.

Abasobanuye Bibiliya mu Kirundi baratahuye cane itandukaniro ry’umuco, baca bahitamwo kuvuga bati:

“muramukanishe ukugumbirana kwera” aho kuvuga “ugusomana kwera”.

Intumbero y’izo mpanuro z’intumwa ntiyari ugushinga umugenzo mushasha w’ukugumbirana, kuko wari usanzwe uhari mu mico yabo. Intumbero yari uguhindura iyo ndamukanyo, ikagirwa iyera, bigakorwa mu buryo butandukanye n'uko ab'isi babikora. Bigakorwa mu kuri, mu rukundo, ugushira hamwe no mu kwera, ata guha ikibanza uburyarya, ata guha umwanya ivyipfuzo vy’umubiri, ata guha umwanya ugukomantara mu migenderanire yacu.

Ariko birababaje kubona ivyo bibi bikiri mu mashengero yacu: abitwa benedata barahemukirana. N’umuhinga w'ivyiyumviro w’umupagani yarigeze kubivuga ati:

“Urwanko rwo mu muryango burababaza cane kurusha ubw’abanyamahanga.” [3]

Mu rusengero, biragora kumenya uwo wizigira. Turanyegeza imigambi yacu mibi mu gutwengeranira no kugumbirana mu gihe imitima yacu ibandanya gucura ikibi ku bo dusangira ku Meza y'Umwami.

Hamwe n'amajambere twakuye mu bazungu, yo gusomana nk'ikimenyetso co kuramukanya, turibaza kenshi kenshi ko ukugumbirana kwacu no gusomana bitinyegejemwo ivyipfuzo vy’umubiri. Umuti si uguhindura indamutso, ariko ni ukuyigira iy’ukuri.

Ivyo John Piper avuga n'ivyo gufata nka nkama:

“Igihe ugusomana nk'ikimenyetso c'urukundo bikorewe umuvukanyi canke mushiki wacu muri Kristo, ntibikwiye kuvyura ivyipfuzo vy’umubiri, canke ngo bibemwo amayeri, canke uburyarya, canke uburyo bwo guhisha icaha. Ugusoma/Ukugumbirana ntigukwiye guhisha icaha na kimwe mu buzima bwacu. Gukwiye kuba ugusoma/ukugumbirana kwera.” [4]

Ivyifashishijwe

[1] The Expositor’s Greek Testament, igitabo ca 1, urupapuro 316

[2] Dr. Craig S. Keener, A Commentary on the Gospel of Matthew, urupapuro 64

[3] Democritus (460–370 imbere ya Kristo)

[4] Desiring God – The Holy Kiss: Relevant Today or Not?

Follow us

Little Flock Copyright (c) 2026.All Rights Reserved

Little Flock Ministries