Twigishanye kurera nkuko Imana ishaka hamwe na Justin Whitmel Earley
Ni ibitabu bike vyigisha kurera nkuko Bibiliya ivuga mu buryo butanga igicapu ca buri musi nka Habits of the Household ca Justin Whitmel Earley.
Kenshi ngo iyo tuvyutse mu gitondo , umuntu yikangura akabakaba arondera ngendanwa yiwe. Bamwe bakaja kumbugahwaniro. Abandi nabo bakugurura mudasobwa zabo ngo barabe ubutumwa bw'abakoresha babo. Ku mbugahwaniro hariho aho ubona umuntu ashajije kugusumvya co kimwe n'urubuga ducishako utuntu n'utundu nk'uru, canke umuntu yashitse ku kintu nawe wifuza utarashikako , ahandi naho usangaho amakuru y'umutekano mu gihugu cawe canke mw'isi. Canke naho bagasanga ubutumwa bw'abakoresha kubikorwa vyacerewe. Ibi rero bigira ingaruka mbi Ku magara yawe yo mu mutwe , mu mutima no mu mubiri. Biraheza bigaha intumbero umusi wawe mu buryo butari bwiza.
Earley agira ati ivyo nadondaguye bitera ukwifuza , ishari , ihungabana ry'amagara yo mu mutwe , uruhagarara mu buzima , n'ibindi bisa n'ibi. Iyumvire nawe utanguranye ibi bintu umusi. Aha rero niho umuvyeyi atwarwa n'ibi akibagira no gusezeresha urukundo , ubugwaneza , n'ubuntu ibibondo vyiwe. Yashika ku kazi agashika arushe akirirwana uburuhe. Yataha imuhira agashika naho nyene yasanzaye. Abana ntarabe canke akabaramutsa gusa agaca asubira kuri ngendanwa kwirabira ibigezweho.. Iyumvire nk'ibi ubibayemwo indwi yose.
Earley rero ahanura ati tangura umusi uri imbere y'Imana usenga. Agira ati urashobora gupfukama n'umwana imbere y'igitanda ugaheza ugasenga muri kumwe. Canke mu modoka imbere yuko umutwara kwishure. Ni vyiza ko wosoma ijambo ry'Imana ukumva ico ikubwiye k'uwo musi. Gurtyo rero umuryango utangura umusi utahura ko Imana iwukunda kandi iwuhaye uwundi musi mushasha.
Baraheza rero bakibona nk'aho Imana ibarungitse kugaragaza urwo rukundo ibakunda umwe wese mu kibanza agiyemwo . Earley agira ati bisa na rya tegeko rikuru ry'Umwami ryo guhindura amahanga abigishwa. Muraheza mugasezerana n'umuryango , mukagenda kwerekanisha urukundo rw'Imana igikorwa umwe wese yahawe n'Imana.
Little Flock Ministries