Matayo
Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube
Ijwi ry'usemererera mu bugaragwa, Ati ni mutegure inzira y'Uhoraho, mugorore iz' ibihamo ziwe.
(Matayo 3:3)
Uyu murongo, ukuwe neza na neza muri Yesaya 40:3, uvuga igikorwa gikomeye, gisaba inkomezi n’umwete, mbere womengo nticasa neza. Ico kigereranyo gikomoka ku migenzo ya kera yerekeye urugendo rw’abami. Iyo umwami yari agiye guca mu karere canke kuramutsa igisagara, intumwa zarabanza kurungikwa gutangaza ukuza kwiwe. Abantu baca basabwa gutegura inzira: imyonga ikuzuzwa, imirambi ikagabanurwa, inzira zigoramye zigatunganywa, ahantu h’amabuye n’utunenge hakaringanizwa. Nta na kimwe cari gikwiye kubuza umwami kurengana. Iyo myiteguro yasaba inkomezi, ububangutsi n’ugukorera hamwe; vyari ikimenyetso c’icubahiro n’ubwizigirwa ku mwami.
Guhera kuri Yesaya, hanyuma Yohani Umubatizi bakoresha ico kigereranyo gikomeye batavuga inzira z’amabuye n’umukungugu, ahubwo bavuga imitima y’abantu. Ubugaragwa ni ikigereranyo c'ukubura ubuzima mu vy’impwemu, kandi umwiteguro usabwa ni impinduka ikomeye mu nyifato no mu mpwemu. Ukuza kw’Umwami ni ntabanduka, ariko ikibazo gihari ni: mbega abantu bariteguye kumwakira?
Isirayeli yararindiriye igihe kirekire ukuza kw’Uhoraho. Ivyanditswe vyuzuyemwo ico cipfuzo gihambaye:
"Icompa ugasatura ijuru ukamanuka, imisozi igahindira agashitsi imbere yawe."(Yesaya 64:1)
Kuk' Uhoraho ari we mucamanza wacu; Uhoraho ni we adushingira ivyagezwe; Uhoraho ni we Mwami wacu: azodukiza.
Yesaya 33:22
Ariko abavugishwa baguma bibaza nimba abantu bari biteguye vy’ukuri. Amosi aragabisha ati:
"Muzobona ibara, yemwe abipfuza umusi w'Uhoraho! Mbega uwo musi w'Uhoraho muwugombera iki? Erega ni umwiza si umuco! Amosi 5:18"
(Amosi 5:18).
Malaki aranegura ubuzima budafashe bw'ikinyedini:
"Ariko ni nde azoshobora kwihanganira umusi w'ukuza kwiwe, kandi ni nde azoshobora guhagarara aho azoserukira? Kuko ameze nk'umuriro uvugutira ubutare, kandi nk'isabuni y'abamesuzi."(Malaki 3:2).
Zefaniya na we nyene asubiramwo iryo gabisha ati:
Umusi uhambaye w'Uhoraho uri hafi; uri hafi kandi urihuta; umusi w'Uhoraho, guhinda kwawo kurumvikana; umuhizi araborogana intuntu.
Uwo musi ni umusi w'uburake, ni umusi w'amagorwa n'amarushwa, ni umusi w'ibitongozi n'imisaka, ni umusi w'umwiza n'ubuzinze inani, ni umusi w'ibicu n'umwiza w'umuzitanya."(Zefaniya 1:14-15)
Bari bawurorereye, ariko imitima ntiyari yiteguye.
Ikintu kibabaje ni uko igihe Umwami yaza, benshi batamumenye, ntibamukunde, ntibamwumvire, ntibamusenge. Nk’uko intumwa Yohani avyandika:
"Yaje iwe, ariko abiwe ntibamwakiriye". (Yohani 1:11).
Ivyo vyari vyaratangajwe kera. Malaki yavuze ati:
Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kandi Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y'isezerano munezererwa, eh' araje, ni ko Uhoraho Nyen' ingabo agize" (Malaki 3:1)
Yaje giturumbuka atari uko ubuvugishwa butari bwumvikana, ariko kuko imitima yari ihumye. Abantu bari barindiriye kubohorwa iminyororo y'intwaro yari ibabangamiye, ariko banka ukwihana.
Yohani Umubatizi yararonse igikorwa kigoye co guhamagarira abantu kwitegura imbere y’ukuza kw’Umwami. Ubutumwa bwiwe ntibwari ubwo gushimisha canke guhumuriza abantu: Nimwihane, kuko ubwami bwo mw’ijuru buri hafi" (Matayo 3:2).
Yari ahagaze hagati y’isezerano n’ukwuzura kwaryo, ahamagarira Isirayeli ukwihana kugira ntibahure n’Umwami wabo batiteguye.
Ni uko nyene n’ishengero ry'uno musi rifise igikorwa gisa n’ico. Turi hagati y’umuzo wa mbere n’uwa kabiri vya Kristo. Benshi bavuga Yesu nk’abipfuza kugaruka kwiwe, ariko ikibazo kiracari ico nyene: mbega turiteguye kumusanganira?
Kristo azogaruka atakiri nk’Umushumba w'umunyamibabaro, ariko nk’Umwami w’icubahiro ateye ubwoba, azogaragaza urubanza rw’Imana kw’isi.
"Kuko Umwana w'umuntu azohava aza afise ubwiza bwa Se, azananye n'abamarayika biwe; ni ho azoca yishura umuntu wese ibikwiranye n'ivyo yakoze."
(Matayo 16:27)
"Mu kanwa kiwe havamwo inkota ikarishe, kugira ngo ayikubite amahanga: azoyaragiza inkoni y'icuma. Kandi aganishiriza ibirenge mu bwato vino y'uburake bw'inkazi bw'Imana ishobora vyose."
(Ivyahishuriwe 19:15)
"Erega birateye ubwoba gukorokera mu maboko y’Imana nzima." (Abaheburayo 10:31).
Ariko ku biwe, ukuza kwiwe ni ivyizigiro vy'ubuhirwe. Azogaruka nk’Umwami yanesheje, akoranye abiwe, abashikane mu gucungurwa kwuzuye.
"Tweho i wacu ni mw'ijuru, ni ho twiteze Umukiza ko azova, ni we Mwami Yesu Kristo, azohindura imibiri y'ubufafara bwacu, ishushanywe n'umubiri w'ubwiza bwiwe, nk'uko afise ubushobozi bumubashisha kwigandurira vyose."
(Ab'i Filipi 3:20-21)
"Na Kristo n'uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishirekw ivyaha vya benshi, azoboneka ubga kabiri, atazanywe n'ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze “ (Abaheburayo 9:28)
Abiteze Kristo vy’ukuri ntibakizwa n’ibikorwa vyabo, ariko ukwitega kwabo kuboneka mu buzima bwo kwihana, kwera no kwumvira.
"Kandi umuntu wese amuzigako ivyo, ariyeza, nk'uko uwo ari uwera.
(1 Yohana 3:3)
"None, ko ivyo vyose bizoshonga birtyo, mukwiye kumera mute mu ngeso zera no mu kwubaha Imana, no mu kurereka ukuza kw'umusi w'Imana muwuhahamiye, uzotuma amajuru ashongeshwa no gusha, kandi ivy'itanguriro vyose bikayagishwa n'ikibengebenge gikaze?"
(2 Petero 3:11-12)
"Hahirwa abo bashumba, abo shebuja azoza agasanga bari maso: ndababwire ukuri: Azokenyera, abicarike, aze, abagaburire."
(Luka 12:37)
Ijwi risemerera mu bugaragwa riracumvikana n’uyu musi. Umwami araje.
Inzira nitegurwe. Atari inzira z’isi, ariko imitima imenetse, yihanye kandi yiyeguriye Imana.
Little Flock Ministries