logo
feat-img

Mu ruzabibu rw’Imana

March 24, 2026

Matayo

Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube

Mugihe mugani w’umubivyi Yesu yawusiguriye neza cane abigishwa biwe (Mt 13:18-23), umugani w'abakozi bo mu ruzabibu (Mt 20:1-16) yawuretse wuguruye n'ibigirankana. Yesu ntiyigeze atanga insobanuro itomoye. Ako gacerere katumye, mu binjana vyakurikiye, habaho kwiyumvira kwinshi rimwe na rimwe hakavuka n’insiguro zitandukanye cane.

Abizera bamwebamwe, cane cane abiyeguriye igikorwa c’ijanabutumwa, băsomera uwu mugani mu marori ya kahise k'ijanabutumwa. Băbona amasaha atandukanye abakozi bahamagariwe akazi nk’ibihe bitandukanye vy’ivugabutumwa, maze bakiyumvira ko iki gihe cacu ari ico « c’isaha ya cumi n'imwe ». Umwete wabo w'Ijanabutumwa ubereye gushimwa no kwubahwa.

Ariko rero, uwu mugani ubwawo uraturongorera mu kindi ciyumviro. Atari mu rutonde rwa kahise, ariko mu gutahura igikorwa c'ubuntu.

Dusome muri Matayo 20:1-16

Uruzabibu n’akaga k’umushahara ungana

Mu gihe ca Yesu, umukozi wo mu ndimiro yakora amasaha cumi n’abiri, nko kuva isaha cumi na zibiri zo mu gitondo gushika isaha cumi na zibiri z’umugoroba, agahembwa idenariyo imwe, umushahara wari ukwiriye kandi wari uhagije kugira umuntu abeho. Kumenya aya makuru birahambaye cane.

Ikintu gitangaje muri uwu mugani suko hari abakoze akanya gato, ahubwo nuko bose bahawe umushahara umwe.

«Na we yishura umwe muri bo, ati Mugenzi wanje, sinkugiriye nabi; ntitwemeranije idenariyo imwe? Hari ikimbuza kugira uko ngomba mu vyanje? Canke ugize ijisho ribi kuko jewe ndi mwiza?» (Matayo 20:13,15)

Insiguro nyamukuru nuko impembo ishingiye ku buntu, atari ku bikorwa. Umukuru w’uruzabibu ntaharura agahembo akurikije amasaha bakoze, ariko agatanga akurikije ubuntu bwiwe.

Uwaje mu nyuma yakiriye idenariyo yiwe aciye bugufi, azi ko atari ayikwiye.

Uwaje ubwa mbere yayakiriranye umujinya, aharura amasaha yakoze n'inguvu yakoresheje.

Ivyo bihushane bigaragaza inyifato zibiri z’umutima :

  • Umwe aruhukiye mu buntu,
  • Uwundi apima agaciro kiwe afatiye ku bikorwa.
  • Agakiza kubw’ubuntu: Ubugingo buhoraho nk’ingabire

    « Impembo » ivugwa muri uwu mugani irenze cane agahembo k’umunsi umwe ; yerekeza ku bugingo budashira.

    Ivyanditswe vyera bivuga kenshi agakiza nk’ingabire yasezeranywe, irindiriranywe ivyizigiro:

    "Ingabire y’Imana ni ubugingo budashira muri Yesu Kristo Umwami wacu." (Abaroma 6.23)
    « Nkora nizigiye kuzoronka ubugingo budashira, ubwo Imana itazi kubesha yasezeranye kera, ibihe vyose bitarabaho »(Tito 1:2)

    Abakozi bo kw'isaha ya mbere bashobora gusobanurwa nk’ishusho ya Isirayeli, yahamagawe ubwa mbere, yabikijwe ivyagezwe, amasezerano (les alliances) hamwe n'ibindi Imana yadusezeranije (les promesses) Rm 9:4-5.

    Abakozi bahamagawe mu nyuma bashushanya amahanga, yahamagawe mu nyuma biciye mu gutangaza Ubutumwa Bwiza. Ariko urugendo rurerure Isirayeli yagiranye n’Imana rwarimwo akaga kihishije: Kwishimikiza iragi aho kwishimikiza ubuntu.

    Yohana Umubatizi yari yarababuriye ati :

    « Mwoye kwiyumvira mu mitima, muti Dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababwira yuko aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramwo abana ba Aburahamu.» (Matayo 3:9)

    Na Yesu ubwiwe yarakunze kubagabisha kuri ivyo vyizigiro bitari vyo (Yoh 8:39-44).

    Igihe abanyamahanga batangura kwinjira ari benshi mu bwami bw’Imana, benshi mu bayahudi baratangaye nk’uko vyagenze ku bakozi bo kw'isaha ya mbere muri uwu mugani.

    Pawulo asigura iryo banga ry’Imana ati :

    «Nzobateza ishari abatari ihanga ry'ukuri, Nzobarakisha ihanga ry'imburabwenge.» (Abaroma 10:19)

    Abayuda n’abanyamahanga ubu bakirwa n'Imana ku rufatiro rumwe: Igikorwa caheze ca Kristo. « Nta tandukaniro… bose bakoze ivyaha… kandi baratsindanishirizwa n'ubuntu bw’Imana.» Abaroma 3:22-24

    Ni co gituma aya majambo ngo « abanyuma bazoba aba mbere, aba mbere bazoba abanyuma» ashobora gusomwa muri kahise nk’ukwinjizwa kw’amahanga mu kwakira ubuntu bw’Imana mu buryo bwuzuye, mu gihe igice kininu ca Isirayeli cagumye inyuma naho bitazokwama uko.(Rm 11: 25).

    Ubuntu canke ibikorwa? ubwizigirwa kurusha guharura ibikorwa

    Iyo ngingo nyene irakora no mu gukorera Imana. Ivyanditswe vyigisha neza ko Imana iha impera abakozi bayo :

    « Uzitera n'uzivomera ni bamwe: ariko umuntu wese azogererwa nk'uko yakoze igikorwa ciwe. » (1 Abakorinto 3:8)
    « Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y'intebe y'amateka ya Kristo, kugira ng'umuntu wese ahabge ibihwanye n'ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi.» (2 Abakorinto 5:10)

    Ariko Pawulo aca akuraho umutima wose wo kwitsindanishiriza kubw'ibikorwa : nuko, uwuzitera canke uwuzivomera ntaco amaze atari Imana ikuza (1 Abakorinto 3.7)

    Imana ntitanga impera ifatiye ku bwinshi bw’ibikorwa, canke ikimenyane, canke igihe wamaze ukora, ahubwo ifatira ku bwizigirwa.« Kandi ababwiriza babagomba ko baboneka ari abizigirwa.» (1 Abakorinto 4:2)

    Gukorera Imana uharurira mu mutima ivyo wakoze n'inguvu wakoresheje, wigereranya n’abandi canke usaba gushimirwa, ni ukwibagira umutima nyamukuru w’ubuntu. Igikorwa kitagira ubuntu kiraremera, kigatera umururazi kandi kigatakaza umunezero. Umusuku w’ukuri ntahanga amaso impembo, ahubwo ayahanga Shebuja.

    Impembo iruta izindi, ni Databuja ubwiwe

    Uwu mugani uradushikana ku kibazo gikomeye: Dukorera Imana kubera ivyo iduha canke kubera ari nziza ?

    Idenariyo irafise agaciro, ariko ubutunzi nyabwo buhagaze mu buntu bw’Umukoresha.« Ni jewe nkinzo yawe, uzohabwa impera ikomeye cane.» (Itanguriro 15.1)

    Iyo Kristo ubwiwe abaye impera yacu, ishari rirashira, kwigereranya n'abandi birahera, ishimwe rikukuzura umutima.

    Twahamagarwa kare canke dutevye, twakora igihe kinini canke gito, duhagaze gusa kubw'ubuntu.

    « Arik' ubuntu bg'Imana ni bgo bgatumye mba uko ndi, kand' ubuntu bgayo nagiriwe ntibgabaye ubg' ubusa, ariko natamye kurusha bose; ariko si jewe yamara n'ubuntu bg'Imana bgari kumwe nanje. » (1 Abakorinto 15:10)

    Gusozera : kubaho nk’abantu babeshejweho n' ubuntu

    Matayo 20: 1-16 irasambura inyifato zose zo gushaka guhindura Imana umukozi ajejwe guharura ivyiza n’ibibi vyacu. Uwu mugani udusubiza mu mutima w’Ubutumwa Bwiza : Ubuntu buhabwa abatabubereye.

    Ni duhimbarwe igihe abandi bahabwa imbabazi. Nitumukorere tudaciriranira. Nituruhukire mu buntu twaba abakozi bo kw'isaha ya mbere canke abo kw'isaha ya cumi n'imwe. Kuko mu bwami bw’ijuru, ubuntu ni bwo bwama bufise ijambo rya nyuma.

    Follow us

    Little Flock Copyright (c) 2026.All Rights Reserved

    Little Flock Ministries