Matayo
Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube
Umwe mumitego ikomeye abakirisu barwamwo n’inyifato itesha agaciro Yesu. (Matayo. 17:1-8).
Yesu afata batatu muri cumi nababiri b’abigishwa biwe: Petero, Yakobo, Yohana kugisozi kirekire. Ahinduka ukundi mumaso yabo, mumaso yiwe haka nkizuba, impuzu ziwe zaka nkumuco . (17:2).
Ubwo nyene Mose na Eliya barabiyereka bavugana na Yesu ” (17:3).
Kumubona uwari we vyabagize ibishingantahe vy’ubwiza bwiwe (2 Petero 1:16).
Ikigaragara hano nuko ubu bwiza babonye ari Imponjo (umushuzo) y’ubwiza budasanzwe bw’Umwana w’Imana. (cf. Ivyahishuwe 1:12-16), wa wundi amavi yose azopfukamira, nindimi zose zikatura kwar’Uhoraho, ngo bihesh’Imana Data wa twese icubahiro. (Filipi. 2:10-11).
Ariko Petero yabitahuye nabi. Yabanje gutahura ko aribakwe agiriwe kubona iryo yerekwa
“ Mwami bitubereye vyiza ko turi hano”.
Munyuma acarahuruduka avuga Ibitarivyo
” niwabigomba, ndaca insago zitatu hano, rumwe rwawe, urundi rwa Mose, urundi rwa Eliya .”
Ntiyatahuye igituma Mose na Eliya baraho. Yesu sI umwe mubavugishwa kurugezo rumwe na Eliya na Mose.
Yesu ntagereranywa numwe mubamwitangiye imbere canke bazomuherukira. Niwe yaturemye, maze acika uwusa natwe. Umwami w’ubwiza kandi umwana w’umuntu. Yapfuye urupfu rwisoni nagakengerwe kumusaraba uteye isoni. Uyu musi yicaye i buryo bwimana Data, aho yasubiye mu bwiza yamanye hamwe na Se, vyose bitararemwa.
Umusi umwe icifuzo ca Petero kizokwuzuzwa neza. Tuzokwibera aho ari mu bwiza bwiwe kandi tutihuta kuhava…eka mbere ibihe bidashira tuzomwitegereza we gusa. Niwe yasezezeranye ngo “ nzoza kubatora kugira ngo aho ndi abariho muba” Yohana 14:3
Little Flock Ministries