Matayo
Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube
Muri iki gice ca 13, Yesu araca umugani w’umubivyi (13:1-9) akongera akawusobanura (13:18-23). Hagati yo guca umugani imbere y'ishengero no kuwusobanurira abigishwa hari imirongo mike iri hagati niyo nashaka ko duteberako. (V.10-17)
Abigishwa ntibibagwa neza ko Yesu yigisha mu migani kandi ishengero risa n'iridatahura ivyo ariko aravuga. Yesu ntacisha ku ruhande. Avuga ko bobo bahawe kumenya amabanga y’ubwami ariko abandi benshi batabihawe. Ababwira ko bakwiye gushima ubwo buntu kuko imvugo yiwe idatahuritse igamije gushitsa ubuvugishwa bwa Yesayaa ko abatatoranirijwe Ubwami bazokwumva ariko ntibatahure, bazoraba ariko batazobona.
Uyu mugani ugamije kwerekana imbibe zitandukanya abatoranirijwe Ubwami n'abatabutoranirijwe. Uyu mugani utwereka ikiranga abari muri ubwo bwami. Barama imbuto zo kugororoka. Ibi tunavyerekwa n'ikiganiro kiba cabaye imbere y'aho gato Yesu ataraca uyu mugani (Matayo. 12:46-50). Yesu yerekana umuryango wiwe bwite: atunga urutoke abigishwa biwe ati:
”Ngaba Mama na Bene Mama. Kuko umuntu wese akora ivyo Data wo mw'ijuru agomba ari we murumuna wanje, mushikanje na mama.”
Imigani ya Yesu yaba igamije kwerekana akamere k'ubwami, uko bukora n'ababugize. Niyo ntumbero abandanya no muri uno mugani. Uyu mugani utandukanya abari hanze n'abari imbere mu bwami. Mbere n'uburyo bwiwe bwo kuvuga burushiriza gutandukanya iyo migwi ibiri.
Ariko ku mpera ya vyose icerekana ko turi muri ubwo bwami, ni uko Mpwemu ategurira Imitima yacu kwumviriza Ijambo ry’Imana n'igitinyiro maze tukarishira mu ngiro, tukama ivyamwa vyinshi, Data agashimagizwa.
Little Flock Ministries