logo
feat-img

Ninde vy’ukuri yishe Yesu?

April 1, 2026

Matayo

Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube

Urupfu ni ikintu giteye ubwoba. Ariko icatumye urupfu rwa Yesu ruba urw’akaranduramutima kuruta izindi mpfu, ni uburyo bubi kandi bw’agashinyaguro yishwemwo: Ukubambwa ku musaraba.

Urwo rupfu rwarushirije kuba rubi kuko rwavuye mu rubanza rw'uwatsindishijwe ata gicumuro. Naho yari Imana, yemeye gufatwa nabi, gukubagurwa no guteterezwa n’abo yaremye.

Matayo na Pawulo baratwibutsa ko Umwana w’Imana yari intungane:

”Maze Pilato abonye ko arushwa n'ubusa, ariko ko barushirije kuvyura umugumuko, yabira amazi akarabira imbere y'ishengero, ati Jeho ndacuna kubw' amaraso y'uyu mugororotsi: ni ivyanyu. Abantu bose baramwishura, bati Amaraso yiwe araba ari twebwe akora n'abana bacu”. (Matayo 27:24-25)

“Ndakubwiririza mu nyonga z'Imana ibeshaho vyose, no mu za Kristo Yesu yashingishije intahe ukwatura kwiza imbere ya Pontiyo Pilato”. (1 Timoteyo 6:13)

Bishoboka ko hari nko mw’ijoro ryo ku wa kane, igihe Yuda yaza aho Yesu yari ari azananye n’ingabo. Amaze gufatwa, bamujanye ku muherezi mukuru. Birashoboka ko yaciye amara iryo joro apfungiwe ahantu habi mu nzu y’uwo muherezi mukuru.

Mu gitondo co ku wa gatanu, bamujanye kwa Pilato, umutegetsi w’Abaroma. Kubera ko ata caha yamubonako, Pilato yamurungitse kwa Herode, uwari amaze igihe yumva inkuru za Yesu kandi ashaka kumubona. Herode abonye ko Yesu atakimwagira, amusubiza kwa Pilato.

Pilato yaramukubise ibimoko kugira anezereze Abayuda, hanyuma ashaka kumurekura kuko ata caha gikomeye yamubonako. Kuri we, vyari amatati y’idini gusa.

Pilato yahisemwo kumuhana igihano citwa “verberatio,” Cari igihano c’Abaroma gihambaye. Cari gikomeye kurusha ibindi bihano vyakoreshwa ico gihe. Bakubitisha imigozi ishishagura umubiri, igashobora no kumenagura amagufa. Cari igihano giteye ubwoba kandi gitera ibikomere, ku buryo benshi bapfa batarashika aho babambirwa.

Ni co gituma bidatangaje kubona Yesu atashoboye kwikorera umusaraba wiwe gushika i Gologota. Yafashijwe na Simoni w’i kurene, umunyafrika yari yaje mu misi mikuru y’idini. Mu nyuma, Pilato yaraneshejwe n’urwamo rw’isinzi ry’abantu, ategeka ko Yesu abambwa nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, araheza asandaba mu ma sa cenda z’umuhingamo . Wabaye umusi uteye ubwoba kandi uruhije kuruta iyindi yose mu buzima bwiwe.

Ukwizera kw’ i Nike kwo mu 325 kwahavuye gusubirwamwo mu 381 kuvuga kuti: “Yabambwe ku bwacu ku ngoma ya Ponsiyo Pilato; yarababajwe.”

Pilato yari yagenywe n’Umwami w’Abaroma Tiberiyo ngo atware Ubuyuda hafi mu mwaka wa 26 gushika mu wa 36. N’imbere yo kubambwa kwa Yesu, yari azwi nk’umuntu w’umunyakibi kandi atagira ikigongwe. Abanditsi b’Abayuda bo hambere, nka Yosefu na Filoni, bamudondora nk’umutegetsi w’umunyakibi, akunda ububisha kandi atagira impuhwe.

Nk’akarorero, yarishe Abayuda benshi igihe bagarariza ingingo yiwe yo gukoresha amahera y’urusengero mu kwubaka umuhora w’amazi i Yerusalemu. Ububisha nk’ubwo ni bwo bwatumye avanwa ku butegetsi mu nyuma.

Ariko rero, mu Butumwa Bwiza tubona Pilato nk’umutegetsi w’intege nke, adashobora gufata ingingo, akemera kuremerwa n’isinzi ry’abantu n’abakuru b’idini. Ivyo ntibisigura ko abanditse Ubutumwa Bwiza batazi ububisha bwiwe; ahubwo bashaka kutwereka ko Yesu yatanzwe n’ubwoko bwiwe nk’uko vyari vyaravuzwe mu buvugishwa. Ku ruhande rw’abantu rero, Yesu yatanzwe n’Abayuda, yicwa n’Abaroma. Ivyo ni ukuri, ariko Bibiliya iratwereka n’iyindi mpamvu:

Vyabaye nk’uko Imana yabigomvye. “Yamara Uhoraho yashimye kumujanjagura, yaramubabaje...” (Yesaya 53:10)

Naho abantu ari bo babikoze, bashikije umugambi w’Imana. Nk’uko bivugwa mu Vyakozwe n’Intumwa:

“Kandi vy'ukuri muri iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n'abanyamahanga n'imiryango ya Isirayeli, bakoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta, ngo bashitse ivy' ukuboko kwawe n'inama yawe vyari vyaragabiye vyose ko bizoba.” (Ivyakozwe 4:27-28)

Mu vy’ukuri, Bibiliya irerekana ko jewe nawe turi mu batumye apfa, kuko “Yacumitiwe ibicumuro vyacu, yajanjaguriwe ibigabitanyo vyacu.” (Yesaya 53:5)

Imana yatanze Umwana wayo ikunda kugira yikorere uburake bwari bukwiye kudushikira, yerekane ubutungane bwayo n’icubahiro cayo.

Ivyanditswe Vyera biratanga impamvu nyinshi zatumye apfa. John Piper mu gatabo kiwe “Fifty reasons why Jesus came to die” (Impamvu mirongo itanu zatumye Yesu apfa” aravuga zimwe muri zo:

  • Gukatisha uburake bw’Imana,
  • Kunezereza Data, kumwumvira no kumugororokera,
  • Gushitsa igikorwa ciwe co kuzuka mu bapfuye,
  • Kutwereka ubunini bw’urukundo n’ubuntu vy’Imana twebwe abanyavyaha,
  • Kudukura mu munyororo w’ivyagezwe no kuba incungu ya benshi,
  • Gupfira ivyaha vyacu, gushiraho umushinge w’ugutsindanishirizwa kwacu, kwuzuza ubugororotsi twari dukeneye kugira ducike abagororotsi.
  • Kudukurako urubanza, gukuraho ugukebwa n’imigenzo nk’ivyitonderwa vyo gushitsa agakiza,
  • Kudushikana ku kwizera, kutuzigamira mu bwizigirwa, kuduhindura abera, gutyorora imishaha yacu.
  • Kudushoboza gupfa ku caha hamwe n’ivyagezwe no kubaho kubw’ukugororoka, kwamira Imana ivyamwa no kubaho ku bwa kristo atari ku bwacu,
  • Guhindura Umusaraba ivyirato vyacu, kudushoboza kubaho kubw’ukwizera muri we, guha insobanuro yimbitse Ukwabirana,
  • Gushiraho Ubwoko bushirutse umwete w’ibikorwa vyiza, kuduhamagarira gukurikira akarorero k’uguca bugufi kwiwe n’urukundo rwo kwitanga,
  • Gushiraho umugwi w’abigishwa babambanywe na we, kudukura mu ngoyi z’ubwoba bw’urupfu no kutwikwegerako amaze kunesha urupfu,
  • Kwemeza neza ko natwe tuzozuka mu bapfuye, kwambura ububasha abakuru n’abaganza no kuduha ubushobozi bw’Imana butekeye mu Butumwa Bwiza,
  • Gukuraho inzankano z’ubwoko no gucungura amahanga yose,
  • Gukoraniriza hamwe intama ziwe zasabagiriye mw’isi no kudukiza urubanza rwo kumusi w’iherezo.
  • Naho Pilato yavuganye na Yesu akamenya ko ata caha afise, yagumye ahindagurika. Yarabonye ko Yesu atari umugarariji wa politike, kandi ko ishari ry’abakuru b’idini ari ryo ryamutumye aburanishwa. N’umugore wiwe yari yamusavye kutagirira nabi uwo mugororotsi. Ariko Pilato yemeye kwumvira abantu kuruta gukora ibigororotse.

    Natwe birashika tukemera mu bwenge bwacu ko Yesu ari Umwana w’Imana, ko yadupfiriye, ko dukwiye kumukurikira. Ariko ikibazo ni mbega umutima wacu wiyemeje vy’ukuri kumwumvira? Ntiduhindagurika nka Pilato?

    Abantu b’Imana bakwiye kuba ata kindi bashira imbere atari ubugombe bwayo, bakishimira umusaraba, bakizigira ubugingo budashira, kandi bakamenyesha abandi inkuru nziza y’agakiza.

    Naho Pilato atari azi gufata ingingo, yanditse ku musaraba ati: “Umwami w’Abayudi.” Hari ico twokwibaza. Mbega yabivuze nk’agashinyaguro? Canke yariko aragerageza guserura ko ari vyo yizera mu mutima nko kugaragaza ko ivyo yakoze yabikoreshejwe n’igikenye c’abayuda? Ntituzi neza.

    Mu kinjana ca gatandatu, Agustino yiyumvira ko Pilato yanditse ivyo yari yizeye. Mu binjana vyakurikiye gato nko mu kinjana ca kabiri, Umutama w’ishengro Tertuliyano yavuze ko Pilato ashobora kuba yarizeye mu nyuma akaba umwigishwa wa Yesu. Mbere Ishengero ryo muri Etiyopia ryo ryahavuye rimwemeza nk’Umweranda. Sinogerageza kuvuga ibijanye n’iherezo ryiwe ariko

    Ico tuzi ni iki: Imana irashobora gukomeza ukwizera kunyoganyoga. Nimba wemera ivyo Bibiliya ivuga kuri Kristo ariko ugifise amakenga mu mutima, ico ni ikibanza giteye akaga. Nusabe Imana iguhe inkomezi, iguhindure uve mu kwizera kunyoganyoga ube umwigishwa w’umwizigirwa, ube uwizera w’ukuri yizera ico Yesu ari n’ico urupfu rwiwe rusobanura ku buzima bwiwe.

    Follow us

    Little Flock Copyright (c) 2026.All Rights Reserved

    Little Flock Ministries