logo
feat-img

NIYAKURWA MURIBO BAZISONZESHA

October 13, 2022
“Haza abigishwa ba Yohana kuri we bati: “nigiki gituma twebwe n’abafarisayo twisonzesha kenshi,abigishwa bawe ntibisoshe? “ Yesu arabira ati: “ abatowe bobabara bate  bakiri kumwe n’umukwe? Hari imisi izoza umukwe akurwe muri bo , niho bazokwisonzesha. Ntawokwomeka ikiremo c’igitambara gisha kumpuzu y’umushire, kukwico kiremo gica impuzu, intoboro ikarushiriza kuba nini. Ntawotara umutobe wa vino mumikuza y’insato ibomnotse: imikuza yoturika, vino igashirira hasi, imikuza igapfa. Ariko umutobe wa vino bawutara mumikuza misha, vyompi bikarama” Matayo 9:14-17

YOHANA, ICIHEBE

Yohana yamaze imyaka myinshi mubugararwa bwi Yudaya, aho yarabayeho ubuzima bwo kwitandukanya cane n’isi” yarya ubuki hamw n’inzige”. (Mariko 1:6, Luka 1:80) Mpwemu amuhamagarira gukorera kumugaragaro nogucira inzira inzira Mesiya. Yesu amaze gushika, Yohana yaciye ashirwa mwibohero yamara abigishwa biwe bo babandanije igikorwa. Birashoboka ko bakomeje ubuzima bwokwiyima ivyiza vyubu buzima nkuko umwigisha wabo Yohana yarameze. Baratsitaye rero baravye abigishwa ba Yesu bagasanga nabantu batiyima ivyiza, baja mumanza bakarya bakanywa. Batibabaza ahubwo ukamenga bibereye mu kirori n’Umwami Yesu.

NIYAKURWA MURIBO….

Bazanye ikirego kuri Yesu , bahawe inyishu irimwo icigisho gikomeye kubuzima bwamasengesho yokwisonzesha.

Kwisonzesha bisunikwa ninyota yokwifuza kubona Yesu: abigishwa babana na YESU imbonankubona bamwumva bamukorako. Ntibari bakeneye kwisonzesha nkuko tutazobikenera mwijuru nitwabana nawe. Kumara imyaka itatu bari bibereye mukajuru gato… Ariko ako kajuru ntikaramye. Tubona kuva mugitabo c’Ivyakozwe n’intumwa ishengero ryomugihe cintumwa ryisonzesha kuko Umwami yari yamaze kuduzwa.

Kwisonzesha nukureka iminezero umuntu yemerewe yubu buzima kugira aserure inyota afise yokubona Umwami Yesu. Naho yaduze imitima yacu irindiranye igishika gusubira kandi kumubona. Niyo mpamvu twisonzesha ngo duhabw’ubuntu bwogushishikara gushika dusubiye kandi kumubona. Ariko mukurindira kandi kwaza, naho atakiri natwe mumubiri , biciye muri Mpwemu ukubaho kwiwe kwuzura imitima yacu tukumva nihari. Ubushobozi bwiwe bugasambura inkomezi zivyaha zituma dutakaza kwumva kwakubaho kwiwe. Mumakoraniro yacu turifuza kwuzuzwa umutima wumva kwariho ari. Ishengero ryifuza kwumva Kristo ariho ari ririsonzesha. Iyo twisonzesheje araserura ubushobozi bwiwe agakiza, akabohora, ivyo vyose bikuzuza imitima yacu kwumva ko ariho ari.

BAZISONZESHA…

Niyakurwa muribo BAZISONZESHA. Irijambo”bazisonzesha riratandukanye na “bashobora kuzisonzesha.” Yesu yiteze kuwizera wese anyoterewe kuzoseruka kwiwe kandi yifuza kwuzuzwa umutima wumva kwariho ari , yisonzesha. Yesu ntariko atanga iciyumviro ngo vyoba vyiza bisonzesheje. Canke ngo bamwe bamwe bazisonzesha. Yavyemeje ko bazisonzesha.

VINO NSHA MUMIKUZA MISHA

Yesu acakoresha amajambo akuye mubuzima bwamisi yose yabayahudi bico gihe kugira ngo yerekana ukwisonzesha yiteze kubigishwa biwe uko kuzoba gusa:

  • Ntawokwomeka ikiremo c’igitambara gisha kumpuzu y’umushire
  • Nawutara vino nsha mumikuza yakera.
  • Yohana nibango ryiwe riri hagati yumushiro wisezerano ryakera numwuzo wisezerano risha. Ivyo vyategerezwa kugira inkurikizi zikomeye. Yesu ntiyashaka kwibigishwa biwe bisonzesha mumutima wisezerano ryakera ryariko rirahera. Ariko ntibazoteba kwisonzesha kuko vuba isezerano risha rigiye kujaho rimeze nkumukuza musha kuburyo ukwisonzesha kwabigishwa kuzoba kumeze nka vino nshasha mumukuza musha.

    Mbega nibiki bizoba bigize isezerano risha bituma rimera nkumukuza musha usukwamwo vino nsha. N’ibintu bibiri: Umusaraba hamwe nisukwa rya Mpwemu Yera. Ubu rero nigute ivyo bintu  bibiri bizoca bihindura gose uburyo abizera bomwisezerano rishi bisonzesha?

    Umusaraba

    Igikorwa gitunganye kandi gikwiriye curupfu rwa Yesu Kristo gitereka uwizera mukibanza cokwakirwa, kwemerwa, gukundwa, kugumbirwa bifatiye kurukundo rwimana rwigenga , rwuzuye rusesekaye, ruticuzwa, rudahera kandi ataco rufatiyeko. Uwisonzesha mwisezerano risha naho umenga arijiriwe mumaso, nuwizera yababariwe agatsindanishirizwa,arakunzwe cane n’Imana muri Kristo. Ntariko yisonzesha ngo yemerwe, yironkere ikibanza mumutima w’Imana atarasanzwe afise, ntariko arakwega ibakwe ryimana ngo rimubeko.Oya. Ibihambaye vyarakoretse igihe Yesu apfa, umwuzuzo wavyose awiteze Yesu niyagaruka. Ahagaze rero hagati yiryo shitswa rikomeye ryumugambi w’agakiza.

    Mpwemu Yera

    Isezerano risha rirangwa nisukwa rya Mpwemu mumitima yabizera. Nisukwa ryari ryaravugishijwe na Yoweli aho Mpwemu atazoba akimanuka kabushungwe kubantu bamwe bamwe gusa abatoraniriza ibango kanaka. Oya ubu bose nabami nabaherezi b’isumba vyose bahabwa ingabire ya Mpwemu kagasukwako uwo Mpwemu nkumushuzo wibihe vyumwuzuzo barindiriye Kristo niyagaruka.

    Ivyo birahindura ingene basenga bakisonzesha. Kuruhande rumwe barafise, kurundi ruhande barindiriye kwuzurizwa. Barisonzesha kuko bifuza kwama buzuzwa Mpwemu kumusi kumusi kurundi ruhande basaba nkabafise, kuko Mpwemu ariwe ngwati y’Umwandu wuzuye bagiye kuzokwinjiramwo bamaze kumuhabwa. Haleluya Amen.


    Little Flock Copyright (c) 2025.All Rights Reserved

    Little Flock Ministries