Matayo
Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube
Usomye igice ca 15 ntiwokwibuza kubona ko hari isano gifitaniye nigice ca 14. Kimwe mu bishoka bigaragara mbere kinatera amakenga nuko igitangaza co kurwiza imitsima gisubirwamwo kuva kumurongo wa 30 gushika kumpera.
Ariko witonze neza utangura kubona ko haritandukaniro hagati ya bino bitangaza bibiri:
Turashobora kwibaza kwigitangaza co kurwiza udukate nudufi Yesu yagikoze kabiri ariko mubibanza bitandukanye kandi agikorera abantu batandukanye. Naho abahinga bamwe ba Bibiliya bibaza ko habaye akagorane mw'ikoreshwa ry'inyandiko soko(sources) hagati ya Mariko na Matayo,ukuri nuko ari ibitangaza bibiri nkuko Yesu ubwiwe avyerekana mugice gikurikira. Soma neza 16:9-10.
Ivyo bice vyompi biragaruka kumutima w'impuhwe nurukundo wasunika Yesu gukora ibitangaza. Muri Matayo 14 izo mpuhwe azigirira isinzi ry’Abayahudi ariko mu gice ca 15 azigirira isinzi ry'abanyamahanga batabibereye. Imbere yuko arwiza udutsima nudufi hejuru gato abanza gukiza umuhungu wumunya kananikazi. Matayo aradufasha kubona ko mumutima wimpuhwe nikigongwe abanyamahanga twamye dufise ikibanza mumutima w'umukiza. Imana idufasha guserura impuhwe zayo nyinshi ku mahanga namoko atandukanye.
Yamara ndizera ko Yesu yasubiyemwo kino gitangaza kubw'iyindi mpamvu: gufasha abigishwa Kwizera Ubumana bwa Yesu. Imbere mu gice gikurikira abagaya ingene bateba kwizera:
Yemwe abo ukwizera guke n'iki gitumye mwiburanya imitima...ntimuraruha mubimenya...ntimwibutse ya mitsima. (16:8-9)
Tumeze nkabo bigishwa. Turibagira ningoga ubushobozi bwiwe. Mu buntu bwiwe aragaruka akatwugurura amaso ubugira kandi tukamwizera.
Little Flock Ministries