logo
feat-img

Twigire ku burwaneza bwa YESU

February 28, 2026

Matayo

Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube

Iki gicapu dusanga muri Matayo 12:15-21 ni ciza cane. Tubona Yesu mu burwaneza no kwiyorosha, atazimya urumuri ruyenga (Matayo. 12:20), Hakuzimya urwo rumuri, arazigama agacanwa karwo kanyuma gushika urwo rumuri rusubiye kwaka. Umucanwa w’urumuri rugira ruzime, Yesu arawunagura.

Gushitsaho ashikanye ubutungane ku ntsinzi (12:20-21).

Aya majambo akuwe muri Yesaya 42:1-4, muri bimwe mu bice bivuga ku mushumba w’umunyamibabaro.

Abantu benshi bari barindiriye Mesiya azoseruka mu bushobozi budatangirwa akazana ubugororotsi mwisi yose, uhereye kuri Isirayeli. Ariko benshi muribo nta sano babona hagati yuwo Mwami wubushobozi, n’Umushumba w’Umunyamibabaro. Niyo mpamvu ibijanye n’Ubwami buseruka mu kwicisha bugufi, butarimwo urubanza rw’Imana kubansi ba Isirayeli carikintu kititezwe.

Yamara tubona Yesu hano, akiza abarwayi agacababuza kuvuga uwari we. (12:15-16). Ntibitangaje kubona ko kuri Matayo, ibi vyerekana ishitswa ry'amajambo ya Yesaya. Mbere uravye n’imirongo ikikuje aya majambo aserura ico ciyumviro nyene. Yesu akiza umuntu kwi sabato hama abansi biwe bakarondera kumwica ngo yahumanije isabato. (12:9-14); Yesu asenda abadayimoni mu muntu amerewe nabi cane, abansi biwe bagaca bamutuza kwari dayimoni ubwiwe. (12:22-28). Ubu burakazi bafise babwitirira ishaka ry’ukuri ariko nta rukundo urimwo.

Ibi harico bitwigisha kubijanye na Kristo hamwe nakameremere k’Ubwami abakirisu twahamagariwemwo, hamwe ninyifato dusabwa.

Ku ruhande rumwe, Matayo aza yamaze kudusaba mu gice kirinyuma ko dukwiye kuba ivyariho vya kristo vyuzuye ubushizi bw’amanga, kandi abizigirwa kubutumwa bwiza, biteguye gutukwa no guhamwa.

Ku rundi ruhande dukwiye kwirinda umururazi, umujinya, ishavu, gukengerana, gukoresha ububeshi. Umwami twakurikiye numwe yatubwira ngo twikoreze ingata yiwe kuko arumugwaneza mumutima.

Turiko turaserura ukugororoka kwimana mumahanga, dukwiye kubikora tudasinda kandi tutayogora (Matayo 12:19)

Follow us

Little Flock Copyright (c) 2026.All Rights Reserved

Little Flock Ministries