Matayo
Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube
Uyu musi turabire hamwe ingene Umwami Yesu yageragejwe: Matayo 4:1-11
Tutarashika kure ibi bitwereka ko Yesu yari umuntu nkatwe. Kandi hano ni mukameremere muntu ageragezwa. Kuko yageragejwe muri vyose ababarana natwe mubitugerageza (Heburayo 4:16) Kandi amaze kugeragezwa anesha Umurwanizi kugira ngo natwe tuzogendere muntsinzi (Heburayo 2:15)
Igisomwa kigitangura tubona ari Mpwemu amutwara mubugaragwa ngo ageragezwe. Turazi ko Imana itatugerageza (Yakobo 1:13) Ariko iraturongorera mubihe nibibanza aho Satani aza kutugeragerageza maze nawe akihesha Icubahiro mubigeragezo vyacu.
Iki gisomwa kitubwira ko Satani asokorora imyampi yiwe mubihe vyambere Yesu yarafise intege nke zumubiri: Inyuma yimisi 40 atarya. Satani aramenya ryari turi abashobora kurwa vyoroshe (vulnérabilité). Kumbure nibihe vyo kugubwa neza bituma tudasenga, kumbure nibihe vyiterambere mubikorwa vy'Imana canke kukazi bituma duterwa nubwibone, kumbure nibihe vyo kuba wenyene bituma turwa mu busambanyi....ivyo bihe dukwiye kuba maso gusumba ibindi.
Ikindi kino gisomwa kitwereka ko Yesu anesha iyi ntambara biciye mw'Ijambo ry'Imana. Ni ikirwanishwa sindamusiga kandi caburi musi.
Mu kigeragezo cambere co guhindura amabuye umukate, Yesu yishura k'umuntu abeshwaho nijambo ryose riva mukanwa k'Imana. Simirongo mike twikundira ariko nijambo ryose ry'Imana.muri uru rugendo rwa Green Pastures nakaryo keza ko gusoma no kwiga ijambo ryose kugira dushobore guhagarara tudatsinzwe. Ijambo ryose ryahumetswe n'Imana kandi rifise akamaro ko kumugira uwushitse (2Timoteyo 3:16-17) Soma kandi Zaburi 119:16a
Ubwanyuma nuko usomye iyi mirongo usanga vyukuri Yesu yageragejwe mu buryo bwose. Ibi bisigura kubwoko bwose bw’ibigeragezo tubisanga hano. Nivyukuri ko Yesu atarahejeje kugeragezwa kuko gushika arinde acikana ku musaraba Satani yagumye agarukana ubu bwoko butatu bw'ibigeragezo.
Kuko ibiri mwisi arivyifuzo vy'amaso, ivyifuzo vyumubiri nubwibone bwabuno bugingo bitanduruka kuri Data ariko vyanduruka mwisi. (1Yohana 2:16)
Mbega uriko ugeragezwa gute? Ahandi Yesu abwira abigishwa biwe ati nimusenge ntimurwe mumosha mabi... (Luka 22:40) Gusenga no kwiga Ijambo ryimana nivyo birwanishwa nyamukuru biduha intsinzi.
Little Flock Ministries