Incamake yivyizerwa rukristu
Imana idusubize kumatanguriro y’vyizerwa bizima.
Agakiza kacu gahagaze kuco Kristo ari nico yakoze. Ukwizera kwacu gukwiye guhagarara muco Ijambo ry’Imana rivuga ko Kristo ari ataruko ntikuba arukwizera gukiza.
Ijambo incarnation rikunda gukoreshwa mukwerekana uko Yesu yambaye umubiri rikomoka mu ki latini kandi rifatante numurongo womuri Yohanu 1:14” Jambo yambaye umubiri maze abana natwe”
Umutima wubukristu ninkuru nziza ivuga Kristo uwari we nigikorwa ciwe. Ntagakiza gashoboka igihe atakwizera k’umwana w’Imana yambaye umubiri akabana natwe, maze agapfa urupfu mugishingo cacu.Ntagakiza umuntu atizeye ko Uwo Mwana w’Imana yamyeho ibihe vyose maze mugihe nomumwanya yambara akameremere muntu kiretse icaha, atubera umuserukizi adushikana mubugingo budashira mukibanza ca Adamu wambere yatubereye umuserukizi adukwegera murupfu nomurubanza.
INTUMBERO YATUMYE YESU YAMBARA UMUBIRI
Ubwambere vyari bikenewe ko Yesu avukira musi y’ivyagezwe ( Galatiya 4:4) kugira ngo acungure abananiwe kuvyumvira. Yaje mumubiri kugira ngo abeho musi yivyagezwe kandi abishitse mukibanza cacu ( Matayo 5 :17 ; Galatiya 4 :5
Ubwakabiri vyari bikenewe ko Yesu yambara umubiri kugira asese amaraso kubwivyaha vyacu( Heburayo 9 :22 ; Heburayo 10 :5 Gusesa amaraso vyasaba kugira umubiri namaraso. Imana ishimwe yaducunguje Umwagazi atagira agasembwa 1Petero 1 :19
Bibiliya iratwereka ko Yesu yarumuntu. Yarakenera ivyumuntu wese akenera mubuzima: kuryama( Luka 8:23; gufungura ( Matayo 4:2; 21:18) Nkabantu bose Yesu yarerekana ibigumbagumba vyumunezero(Yihana 15:11); umubabaro ( Mat 26:37). Nawe ubwiwe yarakunda kuvuga kwarumuntu( Yohana8:40). Nigihe azutse haribimenyetso vyerekana kwakiri umuntu ( Ivyakozwe 2:22)
KUBERA IKI YESU YATEGEREZWA KUZA NKUMUNTU
Isezerano rishasha ryuzuyemwo imirongo myinshi itwereka ko Yesu ar’Imana. Toma yita Yesu Mwami wanje kandi Mana yanje akamusenga ariko Yesu ntamubwira ko arogose. Yohana 20:28).Umwanditsi wigitabo cabaheburayo asubiramwo amajambo avurwa kuri Yesu muri zaburi ya 104. Aho Imana Data abwira Imana Mwana ngo “ Inganji yawe Mana ntizohangura. (Heburayo 1:8). Paulo avuga ko imbere yuko Yesu aza mwisi akambara ishusho yumuntu yarasanganywe ishusho yubumana..akavuga kwamavi yose azomupfukamira nindimi zikatura ko ar’Uhoraho. ( Filipi 2:5-11) Paulo avuga ko Yesu ariwe Mukiza n’Imana ihambaye twiteze Tito 2:13. Yohana avuga ko yamyeho ubwambere nambere ar’Imana. ( Yohana 1:1-3) Iyindi mirongo ikamwerekana nk’UMUREMYI (Yohana 1:3; Colosayi 1:16-17).
KUKI YESU YATEGEREZWA KUZA NK’IMANA? Heburayo 9:14
Vyari bikwiye kwaza nk’Imana kugira ashobora kwishirako uburemere bwuburake bw’Imana. Ntakiremwa gisanzw muntu cashobora kwihanganira kwakira uburake bwose bwimana kandi ntakiremwa muntu cashobora kunyura noguhwamika uburake bw’Imana ihoraho. Imana Data ntiyashobora kunyurwa nikimazi kituzuye ubumana mukwera nomubugororotsi.
DUKOMEZE KWIYUMVIRA:
YESU N’IMANA YUZUYE
Yesaya. 9:6; Matayo. 11:27; 16:16; Mariko 2:5-7; Luka 5:20-22; 9:20; Yohana 1:1; 1:14; 2:19, 21; 3:13, 31; 5:18; 6:38; 8:58; 9: 38; 10:17; 10:30; 13:3; 14:9; 14:23; 16:15; 16:28; 17:8; 17:21-23; 20:28; Abaroma 9:5; 1 Korinto. 10:3-4; 15:47; 2 Cor. 8:9; Filipi. 2:5-11; Kolosayi 1:15-17, 19; 2:9; 1 Tim. 1:17; 2:5; Tito 2:13; Heb. 1:2-3, 8-11; 2:7, 9, 14, 16; 13:8; 1 Yohana 5:20; Ivyahishuwe. 1:8, 17; 2:8; 3:14.
YESU N’UMUNTU YUZUYE
Matayo. 1:1, 18-25; 4:2; 26:38; Luka 1:26-38; 9:58; 22:44; Yohana 1:14; 11:33-35; 19:28, 34; Abaroma 9:5; 1 Cor. 15:3; Galatiya. 4:4; Filipi. 2:5-11; 1 Tim. 2:5; 3:16; Heb. 2:14-15, 17-18; 4:15; 10:5; 1 Petero 2:24; 1 Yohana 4:2; 2 Yohana 7.
Little Flock Ministries