logo
feat-img

Ubuntu butwegeza hafi

March 25, 2026

Matayo

Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube

Iyi nkuru ibera mu rusengero. Abayuda bavuye mu mahanga (diaspora) bari baje guhimbaza iminsi mikuru y’Abayahudi ikomeye yo mu mwaka. Bahindura amahera yabo y’agaciro mu mafaranga akoreshwa mu rusengero, kandi bagura ivyo bazokenera mu minsi mikuru. Ivyo vyarungukira cane Abasadukayo, ari bo bari bafise uburenganzira ku rusengero rwa Yerusalemu. Cari igihe c’ubudandaji gikomeye cane, kandi gusenga Imana ntivyari bikiri mu vy’imbere mu vyo bitwararika gukora. Dusome muri Matayo 21:12–17

Yesu arababara cane mu mutima, aca atera akajagari kanini mu gutembagaza ameza yabo. Ariko ico nshaka kwitaho uno munsi si ico yakoze muri ico kiringo c’akajagari, ahubwo ni ico yakoze inyuma yaho “Maze impumyi n'abacumbagira baza kuri we mu rusengero, arabakiza”

Kera cane, Mose yari yarahawe n’Imana amabwirizwa asobanutse neza: umuntu wese yari amugaye, adatambuka neza canke atabona ntiyari yemerewe kwinjira mu bubuherezi (Abalewi 21:17–20). Imyaka igihumbi imbere y’aho, Umwami Dawidi yari yarashatse gufata igisagara ca Siyoni, ico gihe cari kiganjwe n’Abayebusi.

Yerusalemu yagaragara nk’ahadashobora gufatwa kuko yari ikomeye cane. Abayebusi baramwihayagiza bavuga bati: « Naho boba impumyi n’ibimuga vyokwiyamiriza » (2 Samweli 5:6–8).

Ariko Dawidi yarashoboye gufata Siyoni, aca abita impumyi n’ibimuga, kandi aca ategeka ko bocibwa bose kugira ngo hatazosigara n’umwe muri bo i Siyoni. Buhorobuhoro, uko imyaka yahera niko imico n’akaranga vy’abantu vyatanguye kwigisha nabi ayo majambo ya Dawidi, bikarangira bafashe ingingo y’uko ata kimuga canke impumyi bikwiye kwinjira mu rusengero.

Yesu ntiyababajwe gusa n’ubudandaji bw’abantu b’Imana butagira imbabazi, ariko yaragize n’imbabazi nyinshi kuri ivyo bimuga n’impumyi bari barirukanwe mu rusengero. Arabatumira kwinjira, kandi arabakiza!

Mbega igikorwa gikora ku mutima kirushije n’ico gutembagaza ameza!

Ico gikorwa, yakoze iminsi mike imbere yo kubambwa ku musaraba, kidutera kwiyumvira: kubwo urupfu rwiwe, abo bari barirukanwe kure y’Imana barasubira kwakirwa mu buntu no mu nyonga yayo. Azovuga gato imbere y’urupfu rwiwe ku Bagiriki bashaka kumubona ati: «Ninamara kumanikwa, nzokwikwegerako bose» (Yohani 12:32).

Twese twari abantu babi mu maso y’Imana kubera ivyaha vyacu, twari twarirukanywe mu buherezi, twarirukanywe no mu rusengero. Ariko igitangaza c’urupfu rwiwe n’ukuzuka kwiwe vyatwegereje Imana.

Turahimbaza uwo musaraba, kuko ari wo watugize abaronka ubuntu bwayo; umusaraba utwegereza Imana kandi ukadukiza burundu.

Ubwo buntu bwatsa imitima yacu, bukayuzuza ishaka rikomeye ryo kubona abandi begera Imana. Ntitugira amahoro gushika aho tubona abo ivyaha vyari vyarabaratandukanije n’Imana bagizwe abana bo mu muryango w’Imana iduhamagara mu gusangira na Yo. Ubu buntu buzodutera inyota yo kubona amahanga n’abantu bo kw’isi yose bagihumishijwe n’umwijima bamurikirwa n’umuco w’Ubutumwa Bwiza.

Ubu buntu buzoba nk’inkomezi zidushoboza gusengera izo mpumyi n’ibimuga. Kubw’ubwo buntu tuzotanga ivyo dutunze kugira dufashe abari mu gikorwa co kwamamaza Ubutumwa Bwiza, kandi tuzokwama twumviriza twitonze kugira tumenye nimba natwe ubwacu tudahamagariwe kuva mu mico yacu, tukaja gusangira n’abandi mu mico yabo, tubashiriye Inkuru Nziza ya Kristo.

Follow us

Little Flock Copyright (c) 2026.All Rights Reserved

Little Flock Ministries