logo
feat-img

Ubushobozi buherekeza abajanye Ubutumwa bwiza

February 26, 2026

Matayo

Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube

Usomye igitabu ca Matayo witonze urabona ko canditswe mu buryo buhanahana kandi buserura igarugaruka hagati y’inyigisho za Yesu hamwe n’inkuru nyinshi zidonda ivyabaye n’ibikorwa vy’ubushobozi.

Incuro zitanu mu buryo bwiramvuye Matayo aduhereza amajambo y’inyigisho za Yesu mu buryo bwiramvuye:

  • Inyigisho yo ku musozi ( 5-7)
  • Inyigisho zitegurira abigishwa biwe gutwara ubutumwa bwiza (10)
  • Imigani y’ubwami(13)
  • Ibitubuza kwinjira mu Bwami (18-20)
  • Ibijanye n’igihe c’iherezo (24-25)
  • Iyo inyigisho imwe irangiye Matayo avyerekana mu gukoresha iryungane aguma asubiramwo: Yesu arangije kuvuga ayo majambo yose…7.28; 11.1; 13.53; 19.1; 26.1

    Ariko muri izo nyigisho zose uko ari zitanu iciyumviro kijanye n’ubwami bw’Imana gifise ikibanza kidasanzwe kuburyo n'ibikorwa vy’ubushobozi bica bikurikira izo nyigisho navyo biserura ko Ubwami ari ho buri, bwashitse nk'uko Yesu ahava avuga ati:

    "Nimba ari kubwa Mpwemu w’Imana nsenda Abadayimoni, NONEHO UBWAMI BW’IMANA BURABASHIKIRIYE."

    Igice ca cumi tuza kurabamwo, kirimwo inyigisho ya kabiri muri rwa rukurikirane. Hano nipfuza ko muri uwo mutima dufatanya ivyo Matayo avuga ku murongo wa mbere hamwe n’umurongo w’indwi. Twiyibutse ko muri iki gice Yesu ategurira abigishwa kuzorungikwa mu mahanga nk'uko azobikora ku mpera ya kino gitabu mu gice ca 28.

    Ariko mu kubamenyereza abarungika mu bw’Isirayeli gusa.

    “ Abahereza ububasha hejuru y’impwemu mbi, ubwo kuzisenda no n'ubwo gukiza indwara zose, n’ubumuga bwose”…nimugende mwigisha muti “Ubwami bwo mw’ijuru buri hafi”

    Mw’iseruka rya mbere ry’ubwo bwami haragaragaye ubushobozi budasanzwe bunyiganza kandi bukanesha ivy’inkomezi vyo mw’isi y’impwemu birwanya umugambi w’Imana ( Inauguration du Royaume de Dieu).

    Mw’iseruka rya kabiri ry’ubwo bwami hazogaragara ubushobozi buhambaye nk'uko tubisanga mu gitabu c’ivyahishurirwe Yohana, aho inkomezi z'ikibi zizonesherezwa ku mugaragaro (consommation finale).

    Hagati ubwami bw’Imana burabandanya guseruka bunesha intambuko ku yindi ikibi n’inkomezi za Satani. Mu bantu b’Imana hari ibihări vyo kumenya nimba muri ibi bihe vy’ibandanya ry’ubwami (phase de la continuation du Royaume) Imana igitanga ubwo bubasha.

    Bamwe bati ico gihe cararangiye abari bemerewe kubuhabwa zari intumwa gusa mu ntumbero yo kwemeza no gushingira intahe ubutumwa. Abandi bati ubwo bubasha buhabwa gusa ishengero muri rusangi ariko nta muntu kugiti ciwe abuhabwa.

    Yamara ivyanditswe biratwereka ko muri iki gihe hagati y’iseruka rya mbere n'irya kabiri Imana ikigaragaza ubwami bwayo mu bushobozi kandi igakorera mu bera bayo atari akagwi gusa k’abantu:

  • Paulo avuga ko ubwami bw’Imana atari ubw'amajambo gusa ariko ari ubw’ubushobozi(1korinto4:20)
  • Paulo avuga ishengero ry’I Galatiya nk’ishengero rizi ibitangaza naho ata ntumwa yari ikiri hagati yabo
  • “ibaha Mpwemu igakorera ibitangaza muri mwebwe mbega ibikoreshwa n'uko mukora ibikorwa vy'ivyagezwe canke n'uko mwumvise mukizera?" (Galatiya 3:5)
  • Avuga ko ubwinshi bw’ubushobozi bwazuye Yesu mubapfuye aribwo ikoreshereza atari kuntumwa gusa ariko mubera ( Efeso 1:19)
  • Paulo avuga ko Imana itanga ingabire ku bantu nk'uko yigombeye kandi muri izo avuga izo gukiza ingwara n’ibitangaza. (1Korinto 12:4-10)
  • Ku bijanye no kumenya gushika ryari Imana izotanga izo ngabire inyishu iri mu bany’Efeso igice ca kane aho avuga kw'itangwa ry’ingabire n’intumbero yazo:

    kugira ngo abera babone gutungana… kugeza aho twese tuzoshikira urugezo rw’ubwinshi bw’ukunengesera kwa KRISTO (Efeso 4:12-13)

    Nta woharira ko iseruka rya mbere ry’ubwo bwami muri Kristo Yesu ryaranzwe n’ubushobozi budasanzwe ikoresheje intumwa zayo, nta n'uwoharira ko mu bihe vya nyuma hari abakozi yabitse bazohangana n’inkomezi za Antikristo mu buryo budasanzwe bw’ubushobozi ( soma Ivyah 11) kandi ko Yesu azokwerekana inkomezi zidasanzwe( Mat. 24:27-30) muguseruka kwiwe.

    Ariko uwovuga ko hagati y'ivyo bihe Imana itagitanga izo ngabire z’ubushobozi mu buntu bwayo kandi mu kwigenga mu ntumbero yo kwubahwa kw’ishengero yoba arengeye Bibiliya.

    Benshi bahakana ko mu bihe vyacu Imana itagikora ivyo bitangaza usanga ari abantu kenshi babayeho mu karere k’ubukirisu bushimikira ku bwenge cane kandi aho ingabire y’ukwigisha yamize izindi ngabire nk’ivugabutumwa n’ijana butumwa. Abaja kenshi ku rubuga rw’ijana butumwa n’ivugabutumwa barazi ihangana ry’ubushobozi (confrontation surnaturelle) rihora riba iyo ubutumwa bwinjiye ubwa mbere mu karere gashasha katarageramwo ubutumwa bwiza.

    Si igitangaza ko izo ntahe z’ubushobozi zizwi n’aba misiyonari gusumba abigisha ba Bibiliya bo muri Kaminuza.

    Ni twumvira tukaba ibikoresho vyo kujana ubutumwa bwiza aho butaragera tuzobona ko vy’ukuri Imana yaturungikanye ubushobozi butenena kuri twebwe ariko bushingiye kuri Kristo n'ico ari kandi ko inkomezi zose zohangana na twe muri ico gikorwa zitegerezwa gutsindwa mw’IZINA RYA YESU.

    Follow us

    Little Flock Copyright (c) 2026.All Rights Reserved

    Little Flock Ministries