Matayo
Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube
Amajambo dusomye ava mw'Ijambo Yesu yavugiye ku musozi, neza na neza mw'Ijambo rivuga ibintu ndwi biranga abahirwe (Matayo 5:1–12).
Uko urimbura kur'aya majambo, hari n'ibindi bintu indwi ukuramwo nk'ibintu nyamukuru vyotuma utahura ubuzima Yesu ahamagarira abigishwa biwe.
Mu ntango y’iki gisomwa, umwanditsi arabivuga neza ati:
“Abonye iryo shengero, aduga umusozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baramwegera.” (Matayo 5:1)
Naho hari isinzi ry'abantu, inyigisho yari igenewe cane cane abari bamaze kwitaba umuhamagaro wa Yesu.
Ndamaze kubona abantu bataravuka ubwa kabiri bagerageza kubaho bisunga izi Nyigisho zo ku Musozi nk’aho ari inyigisho z’inyifato rusangi gusa. Ariko iki gisomwa gishoka cerekana kw'ivyo bidashoboka hatabaye igikorwa co mu mutima ca Mpwemu Yera.
Kuba umworo mu mutima, uwutekereza, uwubanguranya, uwufise umutima utanduye, uwufise inzara n’inyota vyo kugororoka, n'abihanganira ihamwa banezerewe, bahimbawe, ivyo vyose birenze cane ubushobozi bwa kamere k'umuntu. Ivyo n'ibintu bivukira mu mutima wuzuye Mpwemu w'Imana kandi akaba ari nawe atuma bikunda. (Abaroma 8:3–4).
Hari igituma Yesu yigishiriza abigishwa biwe imbere y’isinzi ry'abantu. Ubuzima bw’umwigishwa bugenewe kuba ihishurwa riboneka ry’Ubwami bw’Imana. Imbere mu gisomwa, Yesu avuga ati:
“Muri umuco w’isi.” (Matayo 5:14)
Mpora niyumvira ko iyaba Ishengero ryobaho vy’ukuri nk’uko Kristo abishaka, isi itoshobora kuguma uko iri. Ikibano kirangwa n’ukwicisha bugufi, ubugwaneza, amahoro n’ubweranda, ubwaco kiba ari igishingantahe kizima, ubutumwa butavuga, ariko bukomeye.
Mu biranga abahirwe, Yesu atanga insiguro nshasha y'umunezero. Ntahimbaza abakomeye, abikwije canke abaganza, ahubwo ahimbaza abakene bo mu mutima, abagwaneza, abicisha bugufi, n’abahamwa. Ivyo navyo bikaba biteye kubiri n'indangagaciro z’isi hamwe n’ivyipfuzo vy’umubiri.
Kubaho uko, bisaba ico intumwa Paulo yise kugira umutima musha:
“Ntimushushanywe n'ivy'iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha” (Abaroma 12:1–2)
Uwutahura uwu munezero w’Ubwami n'umuntu yamurikiwe n'umutina musha.
Ibiranga abahirwe vyose biherekezwa n’isezerano. Yesu ntategeka gusa; aratera intege. Umwigishwa ntagendeshwa gusa n'inkomezi za Mpwemu Yera, ariko kandi akomezwa n'ukwizerwa kw'amasezerano y’Imana.
“Hahirwa aboro mu mitima yabo, kuk'ubgami bgo mw ijuru ar'ubgabo.” (Matayo 5:3)
Kuno, Ijambo ry’Imana ricika isoko ridakama ry'ivyizigiro n’ukwihangana.
Amenshi mu masezerano yo mu Nyigisho zerekana abahirwe abaribo, aterereza amaso kure y’ubu buzima. Arahindukiriza umutima w’umwigishwa ku gihe kizoza. Uwizera yaramaze gucungurwa mu gihe kibi c’ubu (Abagalatiya 1:4), ariko aracarindiriye ihishurwa ryuzuye ry’Ubwami.
Ivyizigiro vyiwe ntibishingiye ku rutonde rw'ubu, ariko bishingiye ku nganji ya Kristo izohishurwa rwose igihe azogaruka ari Umwami (Matayo 25:31).
Ibi bintu indwi biranga abahirwe abaribo ntabwo ari inyifato nziza gusa; ni ishusho y’ubuzima bwahinduwe, ubuzima bugaragaza umutima wa Kristo ubwiwe. Iyo dusomye Ibitabu vy'Ubutumwa bwiza, tubona ko Yesu abaho agaragaza neza ivyo yigisha:
“Nd'umugwaneza, niyoroheje mu mutima” (Matayo 11:29),
Umushumba ababazwa (Yesaya 53:3–7), yanswe, yahamwe, yarenganyijwe, hanyuma arashimagizwa.
Ukuzuka kwiwe n’ugushirwa hejuru ni ikimenyetso c’uko n’abagenda mu nzira yiwe bazosangirira nawe ubwiza bwiwe. Nk’uko Paulo abivuga:
“Namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhanwa ubgiza na we.” (Abaroma 8:17)
Ubwa nyuma, Ivugabutumwa ryo ku Musozi ritwibutsa Mose ku Musozi Sinayi. Ariko hano hari Mose mushasha, aruta uwa mbere. Yesu ntarazwa ishinga ryo gutunga urutoke Ivyagezwe; arahishura umutima wavyo. Ubwo butumwa ntibugarukira gusa ku kuvuga Abahirwe abaribo, kuko mu gice c'indwi arasigura ubuzima bw’abantu b’Imana mw'Isezerano Rishasha.
Yesu arakosora amakosa: Ivyagezwe si ivy’inyuma gusa, ariko ni ivyo mu mutima. Bigamije kwerekana kamere k’Imana, biva i bwina mu mutima bigaserukira hanze. Yamara ivyo ntibishoboka hatari ugukebwa kw’umutima gukorwa na Mpwemu.
N'ishitswa ry'ubuvugishwa:
" Nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika.” (Yeremiya 31:33)
Ni co gituma Ubutumwa bwo ku Musozi atari inyifato idashoboka, ariko ari insiguro y’ubuzima bushasha bushobozwa n’ubuntu bw’Imana mw'Isezerano Rishasha.
Little Flock Ministries