Twigishanye kurera nkuko Imana ishaka hamwe na Justin Whitmel Earley
Ni ibitabu bike vyigisha kurera nkuko Bibiliya ivuga mu buryo butanga igicapu ca buri musi nka Habits of the Household ca Justin Whitmel Earley.
Iyo umwana utamwubakiye akaranga n'umuco azokuriramwo isi yoyo iraheza ikabimwubakira. Ivyo umuvyeyi azovyicuza nayo umwana bizomuhindura gito abure umutima w'ubuntu. Whitmel ahanura umuryango wose kugira akaranga kubakiye Ku nkuru y'ubutumwa bwiza ku buryo umwana niyakura azohora yibuka ivyo bihe aheze atahure ingene bifatanye n'ubutumwa bwa Yesu . Tukiri aha jewe na we ubona ari iryahe ragi ry'umuryango umwana azosigarana canke abana bacu bazosigarana ?
Mu gitabu ciwe, umwandisti Earley aratanga ibintu cumi dukwiye kwitarwararika iyo turiko turubaka umuco ndangamuryano ushingiye kw’Ijambo ry’Imana. Tuzoza turagaruka kuri kimwe kimwe murivyo ariko muncamake.
Earley avuga ati wokoresha ibi canke ibindi ariko nihabeho ibintu vyubakiye kuri Bibiliya biranga umuryango umwana akuriramwo. Earley aributsa kandi ko ivyo vyose kubikora bidasigura ko umwana azoca akizwa ariko ibango ry'ubuvyeyi Imana idusaba tuzoba twarikoze mu nguvu n'ubuntu bwayo. Agira ati kurera ni nk'aho Imana iguhaye umuntu uhindura umwigishwa kuva akivuka gushitsa aho azovira musi y'uburongozi bwawe.
Little Flock Ministries