Twigishanye kurera nkuko Imana ishaka hamwe na Justin Whitmel Earley
Ni ibitabu bike vyigisha kurera nkuko Bibiliya ivuga mu buryo butanga igicapu ca buri musi nka Habits of the Household ca Justin Whitmel Earley.
Umuryango ni urufatiro rw'ubuzima rucira umurongo umwana azongenderako mu kubaho kwiwe kwose akiri mw'isi. Gupfa no gukira bitangurira mu muryango avukiyemwo ingene wubatswe.
Umuryango ni ryo shure ryiwe rya mbere , ni ryo shengero ryiwe rya mbere , ni ryo vuriro ryiwe rya mbere , ni bo ncutimagara biwe ba mbere , ni co gisirikare ciwe ca mbere , ni ho ku kazi hiwe ha mbere , n'ibindi vyose bimeze uku. Umuryango ugizwe n'abavyeyi , incuti , ababanyi n'abagenzi . Aba bose ni bo bakozi biwe bakorera muri vyo bisata vyose nadondaguye aho hejuru.
.Ariko rero abavyeyi b'umwana " Se , na Nyina " ni bo citegererezo ciwe ca mbere. Bisigura ko ari abigisha-barezi , abaganga , abasirikare , abapasitori , abakunzi biwe pfa-mpfe , abahanuzi , abahumuriza , etc...Muri make baserukira Imana Butatu Bweranda imbere yiwe mukumugaragariza uburangamutima bwa Data , Mwana na Mpwemu kurya kw'abavugishwa ba kera imbere ya Isirayeli. Bagaheza bakamuserukira imbere y'Imana kurya kw'abaherezi bamusengera ubudasiba kandi bari kumwe . Bakarongora umuryango nk'abami bahawe ibango ryo guhindura umwigishwa wa Yesu uwo mwana ( aba ari umunyavyaha atizera) mu myaka azomara ari munsi y'uburongozi bwabo.
Kenshi abavyeyi turiyahagura gose tukita ku rutare no kw'ibuye kugirango basi n'imiburiburi nitwacikana abana bacu bazobeho neza. Ni igikorwa c'iteka gose . Ariko iyo gitumye umuvyeyi abura mu ndero n'umwana bivyara ibibazo umwana azogendana ubuzima bwiwe bwose. Kenshi usanga abana baterewe ishure , ishengero hamwe n'abarezi bo munzu . Abavyeyi bakiyegurira akazi no kububakira kazoza.
Ariko itunga rya mbere n'ukubaho kw'umuvyeyi m'ubuzima bw'umwana. Iyumvire nawe Imana iduhaye isi yose mbere n'ijuru ariko ikatwima yo ubwayo. Ntaco bitandukaniyeko no gupfa umenga uriho. Earley yaramfashije kubona y'uko kubana n'abana mu nzira adusangiza n'izindi zose twiyumvira zisa na zo ari ryo Tunga rya mbere abavyeyi boraga abana babo. Vyatumye nsubiramwo kwihweza igicapo niyumvira c'ubuzima bw'umuryango.
Mbaye Whitmel twese abavyeyi turajuragirika mu kurera abana . Jeho ndacari uwiga gutambuka ntuhave wibaza ngo ndi inzobere muri iri banga. Hari akajambo aguma agarukana kavuga gati :" buri mwanya turakeneye guhora twibutswa ubuntu bw'Imana ko urukundo rw'Imana rutumbereza ( inspire) ibikorwa vyacu ariko ko ibikorwa vyacu atari vyo bituma idukunda. Ko uturanga n'imico vy'imiryango yacu bitazohindura urukundo idufitiye ariko ko urukundo idukunda rutegerezwa guhindura uturanga n'imico vy'imiryango yacu.
Vyegeranijwe na Innocent NIYONGABO
Little Flock Ministries