logo
feat-img

Umve ndi kumwe namwe imisi yose

April 3, 2026

Matayo

Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube

Biramaze kugushikira ukumva uri wenyene, ukumva urihevye? Uramaze guhemukirwa n’incuti n’abagenzi ukumva ikintu conyene usigaranye kikuremesha nuko IMANA ihari, ihari mu buzima bwawe no mu vyo uriko uracamwo? Ni imirongo myinshi yo muri Bibiliya igamije kudutera intege ikoresheje icizerwa c’ukubaho kw’Imana no kubera hose icarimwe kwayo.

Ariko muriyo mirongo Matayo 28:20 nturimwo naho dukunda kuwukoresha kenshi. Ntiwagenewe gusubizamwo intege umuntu uwari we wese ashikiwe n’ikibazo c’ubuzima: kunanirwa mw’ishure, kubura akazi, kurwara, kurwaza n’ibindi n’ibindi.

Uyu murongo wanditswe mu kirere ca Grande commission, Itegeko RIKURU RY’UMWAMI. Ikirere c’uwo murongo gihera ku murongo wa 16 aho Kristo ariko ararungika intumwa ziwe. Aya majambo ntiyandikiwe umuntu ariko ararwana mu buzima aho ari, yumva umengo IMANA ntayo yumva mu buzima bwiwe canke yahemukiwe nibihe bitandukaye hama agakoresha iri jambo:

“Ehe ndikumwe namwe gushika kumpera zisi” kugira bimusubizemwo intege murivyo bihe ariko aracamwo.

Mu vyukuri wandikiwe abantu bariko baragenda gushitsa itegeko ry’umwami ry’ijana butumwa. Bakiriko barumvira batwara Ijambo ry’UMWAMI gushitsa ku mpera y’isi ngaya amajambo azobakomeza.

Uwu murongo wandikiwe abantu bariko baragenda, si abantu bahagaze, si abantu bicaye bariko biyumvira ku ngorane zabo, uyu murongo wandikiwe abantu IMANA yarungitse. Imana yarungitse mu gikorwa c’umwihariko co gutwara ubutumwa bwiza. Murico gikorwa Yesu yarabizi yuko bazohura ningorane nyinshi bariko baratwara ubutumwa bwiza, ko bazisanga bameze nk’ Intama hagati mu mabingira, ko bazisanga isi yose ibanka kandi ibarwanya, yabahagurukiye, yesu yarabizi ko bazohura ningorane nyinshi bariko barashitsa itegeko ry’ijana butumwa, aca abahereza iri sezerano

Abatari bake baramaze kubona Imana ishitsa iri sezerano, aho bariko baratwara ubutumwa bwiza. Hagati mu mubabaro ufatanye nico gikorwa Imana ikaza ikuzuza ubuzima bwawo ukubaho kwayo n’uburyohe bwa Kristo.

Aho bumva gusumba ibindi bihe vyose Uhoraho abegereye hagati na hagati mu mbobane, hagati na hagati mu ngorane satani abateza bariko baratwara ubutumwa bwiza. Umwanditsi John Piper asanzwe yigisha kubijanye n’umunezero wo kuba mu Mana, n’IMANA kuba umunezero wacu kandi uwo munezero ugahinduka intumbero y’ubuzima ivyo bita l’hedonisme chretien. Niwe yandika mu gitabo ciwe Desiring God ati:

“umu misiyonari akaruru kiwe k’intambara ni ijana butumwa”. Avuga ati rero: igihe jewe nariko ndiga kubijanye n’umunezero, n’IMANA kuba umunezero wacu; abantu bambere nasanze banezerewe ni aba misiyonari.

Avuga ati:

ʺAhantu hambere nahuye n’abantu ubuzima bwabo buserura ingene IMANA ishobora gucika umunezero w’umuntu, ni mu nyandiko zivuga ubuzima bw’abamisiyonari”

Kuburyo uravye inyandiko zabo ziratandukanye nukungene twe tubiyumvirako. Twe tubiyumvira nk’abantu bagowe bahuye nibibazo vyinshi, batakaje imiryango yabo, bahevye ivyabo vyose, barindiriye gusa impera yabo mw’ijuru ariho bazogenda kunezererwa.

Ariko bobo uravye inyandiko zabo n’abantu vy’ukuri bari banezererewe IMANA ngaha kwisi. Kuberiki? Yesu yarasezeranye ko kubariko barashitsa Itegeko ryo kujana Ubutumwa, yavuze ngo NDIKUMWE NAMWE IMISI YOSE.

Nagira ndabasomere bike muvyo abo ba misiyonari banditse igihe IMANA yariko irashitsa ivyanditswe muri Matayo 28:20. Umwe ni John G-paton yabaye umu misiyonari mu gihugu c’amazinga yo muri Hebrides hariya mu kiyaga ca Pacifique, niho yariko aravuga ubutumwa kandi ntivyari vyoroshe kuko abantu baho bararya abantu, bari aba cannibales. Igihe rero agiye ahantu kuvuga ubutumwa bamwirukako kugirango bamurye. Aca arurira ku giti hejuru kugira abinyegeze, baramurondera hose vyasaba ko kurico giti akimarako umwanya muremure, ntiyashobora guhirahira ngo yururuke kuko baca bamurya.

Umve ingene avuga G-Paton:

ʺIgihe nari kurico giti, hejuru kumashami yico giti, ntagihe nigeze kumva IMANA inyegereye mu mibabaro yanje nkaho umengo ndi mubiganza vya Yesu ubwiwe. »

Yandika kandi avuga ati:

Murico gihe uba uri wenyene ariko kandi utari wenyene. Ati nimba vyohimbara IMANA ikanyongera ayandi majoro menshi ndi kurico giti kugira nsubire kumva ukubaho kw’impwemu kw’Umukiza wanje. Nsubire kandi kuryohererwa ubucuti bwiwe buremesha. »

Samuel Zwemer muri 1897 yagiye hamwe numu damu wiwe nabana biwe babiri kugira bavuge ubutumwa hariya mu kigobe c’abarabu. Bamazeyo igihe kirekire bavuga ubutumwa ariko atavyamwa bigaragara, atabantu bakizwa, uretse ihamwa uretse ivyago gusa. Umwaka wa 1904 abana biwe babiri umwe w’imyaka ine uwundi w’imyaka indwi bapfa bakurikirana hagati yabo haciye iminsi 8 gusa. Inyuma y’imyaka 50 yaramaze gusubira muhira iwabo, arandika ariko aribuka ivyo bihe bidasanzwe yateye iteka ryo gutwara ubutumwa hariya mu kigobe cabarabu.

Yandika avuga ati:

“Ndiko ndavyiyumvira umunezero nagize kiriya gihe numva uriko uragaruka gose, hamwe IMANA yonyongera akaryo nosubiramwo kandi ibihe naciye nkasubiramwo nka bibamwo kurya nyene”.

Kumbure muramaze kumva Hudson Taylor l’Apôtre de la Chine. Niwe yatanguje China Inland Mission, ico gihe imbere yiwe haraza aba misiyonari bakeyi bakibanda kunkengera gusa mu gihe igihugu cubushinwa ari kinini gose !Ntibigere bacinjira ngo bagishikemwo hagati ariko Hudson Taylor we Imana imuhamagarira kwinjira hagati na hagati mu bushinwa. Ntivyari vyoroshe, abantu baho bari bagoye, bafise n’inyifato zirwanya Ubutumwa bwiza. Uwo misiyonari yatanze ubugingo kugira abashinwa bashikirwe n’ubutumwa bwiza , abari bamwegereye bose bari bazi ko imisi yose nka saha munani canke sa cenda zo mwijoro yaba avyutse gusenga. Akaririmbo yama aririmba yari « Yesu nduhukiye mu munezero w’ico uri ». Abo ni bantu Imana yariko irashitsako ijambo rivuga ngo “ Ehe ndikumwe namwe imisi yose gushika ku mpera y’isi. »

Imana iriko irakurungika mu muryango wawe, mu kibano ahatandukanye naho atobari kure mubantu utazi kandi biyindi mico. Uriko urarwana n’intambamyi zo gutwara ubutumwa bwiza, uhangana n’ingorane zifatanye no gushingira intahe Yesu, uriko uratanga ubuzima bwawe ngo abandi babe abigishwa ba Kristo, ubigisha ivyo Imana yageze vyose nashaka wumve kutari wenyene. Iri sezerano niryawe.

Follow us

Little Flock Copyright (c) 2026.All Rights Reserved

Little Flock Ministries