logo
feat-img

Urugendo ruryoshe mw’ikete rya mbere rya Yohana

April 6, 2026

Uyu mwaka wa 2026, n'umwaka ugira gatanu hatanguye urugendo ruhuza ababa basangiye ikibano, baba basanzwe bariko barasomera hamwe Bibiliya yose buri mwaka baherekejwe na "Green Pastures" mu ntumbero yo kuyitahurira hamwe.

Hamwe n'ivyo, nk'uko umwanditsi Salomon abivuga mu gitabo yanditse citwa umusiguzi, ukubaha Uhoraho no kwitondera Ivyagezwe vyiwe n'urufatiro rw'ibintu vyose Ku muntu wese (Umus. 12:13). Mu yandi majambo, gusoma buri musi Ijambo ry'Imana no Kuririmburira hamwe n'abandi bizera n'ibintu bihambaye kandi ntahara mu buzima bw'uwizeye. Ni kubw'iyo mvo nyamukuru, guhura kw'imirwi mito mito (Green Cells) y'ababa bariko basoma Bibiliya yose biba bikenewe mu kibano.

Muri iyo myaka ine irangiye, buri mwaka waba ufise akabirya wisangije. Reka tubirabire hamwe:

  • Umwaka wa mbere (2022), imirwi mito mito (Green Cells) yarabiye hamwe ibice bimwe bimwe vyo mu bitabu bitanu vya Mose (Pentateuque). Ivyo bice vyahitwamwo hisunzwe intumbero nyamukuru y'Umwanditsi Kubo y'aba yandikiye no mu nkuru yose ya Bibiliya k'uburyo Ku mpera yo kuvyigira hamwe, uwaba yarabikurikiranye yatahura *uko Imana yihishuriye  mu butatu ababa bandikiwe*  na cane akamenya n'ukuri kudahinduka Ku bizera bo muri kino gihe cacu.
  • Mu mwaka ugira kabiri (2023), urugendo rwarakomeje aho imirwi mito mito (Green cells) yarabiye hamwe ibice bimwe bimwe mu bitabu bine bigize Ubutumwa bwiza (Les Évangiles). Hano, bino bice vyaba vyahiswemwo, vyarangira abantu bobonye ingene Isezerano rishasha ryuzuzanya n'Isezerano rya Kera biciye mu butumwa bwiza bwa Yesu Kristo.
  • Mu mwaka wakuriye, n'ukuvuga umwaka wa gatatu (2024), ya mirwi mito mito yarabiye hamwe ikete rya mbere hamwe n'irya kabiri Pawulo yandikiye ab'i Tessalonika. Iki gihe icizerwa c'ibiba iyo umuntu apfuye ndetse n'ibihe vy'iherezo caruguruye amaso abizera k'uburyo bashima Imana cane ingene iriko ibihishurira mw'Ijambo ryayo, ariko kandi *harabaye no gutahura igicapo c'ishengero  riba ririko rirakura ryamamaza Kristo.*
  • Mu mwaka  ugira kane (2025), imirwi mito mito yarabiye hamwe i katekisimu y'aba puritani yashizwe mu Kirundi na Jean Apôtre Nikiza. Vyari ibintu bihambaye cane mu buzima bwabariko bakurira hamwe, aho ukwizera kwa bera kwa Kera kwongeye gucapa ukwizera kwabo biciye mu bibazo n'inyinshu bigize iyo Katekisimu. Vyaraterereye cane no mu miryango, aho ubu imiryango itari mike ikoranira hamwe mu ntumbero yo gusengera hamwe barongowe kandi n'Ikatekisimu.
  • Ku vy'ukuri hari intahe nyinshi zivugwa mu buzima bw'abigishwa ba Kristo bariko batambukana mu gukurira hamwe biciye muma Green Cells.

    Twokwibaza, mbega uno mwaka wowo wa gatanu (2026), hoba hatunganijwe iki?

    Mu gihe iyi myaka ine irangiye hari imigwi 6 mito mito (6 Green Cells), uyu mwaka harabaye kwegeranya iyo migwi 6 mu migwi 3:

    Umugwi wa mbere ukaba uri hagati mu gisagara ca Bujumbura (Green Cell Downtown) neza na neza mu nyubakwa ya Ecobank Siège, aho abavuye Ku buzi butandukanye baca bahaca bakigira hamwe Ijambo ry'Imana imbere y'uko bataha mu miryango yabo.

    Umugwi wa kabiri, uri mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura (Green Cell Nord) neza na neza mu carama, aho abahegereye canke abahaba baca bahura nabo bakigira hamwe Ijambo ry'Imana.

    Hanyuma umugwi wa gatatu, n'umugwi uri mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura (Green Cell Sud) neza na neza mu Kinanira.

  • Uno mwaka rero, iyo migwi uko ari itatu, izorabira hamwe ikete rya mbere ryanditswe na Yohana (1Jean). Nk'uko nabivuze, mu gihe intumbero idahinduka y'ugukorana kw'abasomyi basangiye ikibano mu gukurira hamwe barongowe n'Ivyanditswe vyera, umwaka wose urisa kandi ukaba ufise akabirya. Iki gitabo gitekeye vyinshi kubijanye n'ingene ubuzima rukristo busa canke ibiranga umu Kristo w'ukuri, canke ubuzima bwuzuye/bukwije ibisabwa bw'uwizera wese.
  • Ndizera ntakekeranya ko azoba ari ibihe bidasnzwe kuko Imana izoba iriko ituganiriza biciye muri rino kete.

    Mu kurangiza, birashoboka ukaba utari bwumve aya makuru canke ukaba warabaye muri green Cell kanaka mu bihe vyaheze, Kaze kandi no mur'uyu mwaka, utambukane n'abandi bizera muri uru rugendo ruticuzwa.

    Follow us

    Little Flock Copyright (c) 2026.All Rights Reserved

    Little Flock Ministries