Matayo
Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube
Iki si igisomwa kitubwira ko Ubutumwa bwiza budakaneye guherekezwa nibitangaza murugamba rwo kwemeza abumviriza. Iki gisomwa kitubwira ko dushobora kurondera ibimenyetso numutima atari wo kandi ko Imana idashobora gukoreshwa n’ububegito bwacu ngo tuyigeze.
Aba bantu bariko basaba ikimenyetso bari bamaze kubona vyinshi. Mubice bibiri gusa birimbere (14&15) bari babonye Yesu ahaza ibihumbi vyabantu muburyo bw’igitangaza, baramubonye akiza impumyi nabarwayi benshi. Ariko bumva ivyo bidahagije ngo bamwizere. Baza kwihinguza ngo abahe ikimenyetso sindamusiga kiva mwijuru. Yesu acavuga ukwabona imitima yabo” abigihe kibi c’ubuhumbu”. Acabababwira kwikimenyetso sindamusiga ari icuko Umwana w’Imana yavuye mwijuru azanywe no gupfa, inyuma yimisi itatu azozuka nkuko bishushanijwe munkuru ya Yona. Ariko naho nyene abanyedini ntibazotahura ico kimenyetso.
Kubita urunganwe rw’ubumaka/ubuhumbu, Yesu ariko avuga ko naho basa n’abakeneye kubona ivyemezo ko ari we Mesiya, imitima yabo ntiyiteguye kumusenga. Ijakariye izindimana. Ubwo buhemu bwagereranywa kenshi mw’isezerano ryakera n’ubusambanyi. Ivyo bihari vy’ivyizerwa yari urwitwazo rwo kunyegeza imtima yabo irwaye kandi yamaze kuva ku Mana nyakuri. Mbega nawe wobumeze gurtyo? Woba wihisha inyuma y’ibihari atari vyo? Ubaza ibibazo bidakenewe hakuzana umutima wawe ngo Imana iwukize?
Little Flock Ministries