Matayo
Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube
Amajambo dusanga muri Matayo igice ca 23 si amajambo y’Imana yoroshe. Murico tubona Yesu avuga amajambo akomeye kandi y’inkazi ku bafarisayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe.
Muriki gice Yesu avuga yeruye ico yiyumvira kuriyo mirwi ibiri , kandi akabivuga nk’umuvugishwa adacisha ku ruhande, aharanira ukuri ata bwoba.
Yerekeza ijambo ryiwe ku banditsi, aribo banyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, abantu bari bafise ijambo rinini cane mu buzima bw’idini bw’igihe ciwe, maze akabita ata kuzunguruka: indyarya.
Abo bantu ntibari abanyamahanga canke abapagani. Ntibari abantu bari hanze y’isezerano. Bari abarinda Ivyanditswe, abigisha b’amategeko, abantu babonwa nk’akarorero k’ingeso nziza n’ubugororotsi.
Kugira dutahure neza uburemere bw’ico gice, dutegerezwa kubanza gutahura abo banditsi, bitwa abanyabwenge b’ivyanditswe hamwe n’Abafarisayo abo ari bo n’aho bavuye.
Umuco w’Abagiriki wariko urinjira gahoro gahoro, uzanye ubwenge bw’isi, inyifato nshasha n’ivyipfuzo bishasha, bigenda bihindura imitima y’abantu. Gushika ku ntwaro ya Antiochus Epiphane aho kwubahiriza isabato, gukeba abana, gusoma ivyagezwe vyari bibujijwe. Benshi baravanze ivy’Imana n’ivy’isi barehejwe n’ubwenge n’imigenzo vy’abagiriki.
Ariko Abafarisayo bo barahagurutse, baritandukanya, atari kubera ukwishira hejuru, ariko kubera ubwoba ko ivyagezwe vy’Imana vyoshobora kuzimangana.
Umwanditsi wa Kahise k’ABAYAHUDI Josephus w’umuyahudi nawe ubwiwe yigeze kuba umufarisayo avuga ko abafarisayo ubwa mbere bari abigishwa b’aba MAKABE, umurwi w’abayahudi wahanganye n’abagiriki.
Ubwambere bitwa aba Khasidim , risobanurwa abiyeguye “ariko mu munyuma bahavuye bitwa aba perushím, bisobanura ngö " abitandukanije n’abandi, “
Kimwe muvy’abaranga barizera ko ubugororotsi bufise n’agaciro. Barizera ko kwumvira Imana bifise agaciro, ko ukwizera kudakwiye kugarukira ku rusengero gusa, ariko ko gutegerezwa kwinjira mu buzima bwa misi yose, mu miryango no mu bikorwa vya buri musi. Intango y’abafarisayo ntiyari mbi. Yari nk’umurwi w’ikanguro ugamije kuzigama akanovero k’idini y’Abayahudi.
Ibi bihera kera kuva mu gihe ca Ezira ari nawe yatanguje ibibanza Atari urusengero aho ivyanditswe bishobora gusomwa bigasigurwa. (Amasinagogi)
Hatari abanditsi, Ivyanditswe ntivyari kubikwa. Hatari abanditsi, ivyagezwe ntivyari kumenyekana. Nabo nyene rero, uruhara rwabo rwari rwiza kandi rufise akamaro kanini. Ariko ikibabaje ni uko ikintu cari catanguye neza kitagumye uko.
Uko igihe cagenda kirarenga, ukwiyegurira Imana kwahindutse ukugenzura abandi. Igitinyiro c’ivyagezwe cahindutse ugusenga imigenzo y’abantu.
Ivyari vyagenewe gukingira ijambo ry’Imana vyatanguye kurirenza agaciro. Ivyiyumviro vy’abantu vyaragwiriye gushika aho bigirwa nk’itegeko ry’Imana ubwayo. Kwumvira Imana vyahindutse ikintu kibonwa n’amaso, gikorwa kugira abantu babibone. Iyo idini rihindutse ikintu co kwerekana, uburyarya ntibuba buri kure.
Ni co gituma Yesu avuga ayo majambo akomeye muri Matayo 23.
Abagereranya n’ibikombe vyasukuwe inyuma ariko vyuzuye ubusuma n’ivyiza imbere. Abita imva zisize irangi ryera, ziboneka neza inyuma ariko zuzuye urupfu imbere. Kandi igiteye agahinda cane ni uko batari kure y’ukuri. Bari hafi. Bazi Ivyanditswe, ariko babuze kubona Uwo Ivyanditswe vyerekezako. Barubahirije abavugishwa b’Imana bapfuye, ariko banka Uwo Imana yatumye ari muzima ahagaze imbere yabo.
Ibi nivyo biteye ubwoba bikomeye muri Matayo 23: -Birashoboka gukunda Ivyanditswe ariko ukanka Kristo.
Yesu ahagaze mu rusengero rwuzuye ibikorwa vy’idini, rwuzuye inyigisho, rwuzuye ibimenyetso vy’ukwiyegurira Imana, ariko akavuga ko inzu iri gusa. Abanyabwenge b’ivyanditswe bamenye ivyanditswe, ariko ntibamubonye. Abafarisayo bakunze idini, ariko ntibamukunda.
Iyo Kristo atakiri hagati, n’ivyatanguye neza birashobora kwononekara. Hamwe n’ugutakaza Kristo, barataye n’umutima wicisha bugufi. Aho ni ho amajambo ya Yesu akomera cane:
Bavugira Imana, ariko imitima yabo iri kure yayo.
Ukwizera kurama kurangwa n’ umutima wamenetse imbere y’Imana, witeguriye kwihana no gusaba imbabazi. Iyo ukwihana kutagihari, idini rihinduka ikintu kibi cane. Iyo kwicisha bugufi kutagihari, inyigisho nziza ihinduka icumu co gukomeretsa abandi.
Amajambo yiwe ya nyuma si imivumo, ni guserura ukubabara. Ati: “Yerusalemu, Yerusalemu…” ni kangahe narondeye kubakoranya nk’uko inkoko ikoranya imiswi yayo. : Matayo 23 iduhamagarira ibihe vyose kwisuzuma. Si ikintu cose gitangurana ukwizera kizorangiriza mu kwizera. Ivyari nk’ikanguro ejo birashobora kuba imigenzo gusa uno musi. Umuriro wo hambere ushobora kuba umukungugu uno musi.
Ikibazo si aho twavuye, ahubwo ni ico dushize hagati na hagati uno musi. Iyo Kristo agumye hagati, kandi umutima ukaguma wicisha bugufi imbere y’Imana, ukwizera kuragumaho. Ariko iyo Kristo asubirijwe, umutima ugakomantara, n’intango nziza cane irangirira mu kaga.
Uwufise amatwi yo kwumva, niyumve.
Little Flock Ministries