logo
feat-img

Yesu Kimenyetso sindamusiga

March 28, 2026

Matayo

Kaze turimburire hamwe igitabu c’Ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Matayo. Wifuza intangamarara yagutse woca ku muhora wacu wa YouTube

Yesu yishura ku kibazo c'abigishwa kiri ku murongo wa gatatu mu gice ca 24

"Ikimenyetso kizoba iki c'ukuza kwawe n'icumuhero w'isi"?Mu vyukuri ibi bintu bibiri birafatanye ukuza kwa Yesu hamwe n'umuhero w'isi.

Umuzo wa mbere wa Yesu ubwawo yari ikimenyetso c'ibihe vy'iherezo. " Heb 1:1-2 Kera Imana yabaririye ba sogokuruza mu kanwa k'abavugishwa na yo mu bihe vyinshi no mu buryo bginshi, 2 a mur' iyi misi y'iherezo yabaririye twebge mu kanwa k'Umwana wayo, uwo yashiriyeho kuba samuragwa wa vyose, ni we yahaye kurema isi_ .

Muri we Imana yarisidukiye yinjira mu mateka y'abana b'abantu kandi Umuzo wiwe n'ikimenyetso kw'Imana yihutiye gushikana ibintu vyose kw'iherezo.

Ubwo abigishwa baratahura ko ivyo bintu bibiri bifatanye? Tweho?

Mukwishura Yesu yerekana urukurikirane rw'ibimenyetso ubwavyo bigenda bisumba sumbana uburakare:

  • umuce w'ambere wibimenyetso ukunze kwitwa ibimenyetso vy'intango yo kuramukwa 4-8 murivyo harimwo: irwirirana ry'inyigisho z'ibinyoma, uguhungabana kw'isi mu buryo bwa politike, no mumibereho ya misi yose. uwo muce wambere uratwereka kw'isi itazogenda irushiriza kumera neza uko twegereza wa musi ahubwo ari igihushane.
  • Umuce wa kabiri ugizwe n'ihamwa ry'ishengero, irwirirana ry'inyigisho z'ibinyoma kurugezo rukomeye ariko kandi ivyo vyose bivanganye n'ikanguro ry'ishengero 9--14 Benshi biyumvira kwivyo bifatanye nigice cambere c'iyinga ya mirongo irindwi Daniyeli yeretswe.
  • Umuce wa gatatu w'ibimenyetso ugizwe cane cane nihamwa ryeruye gusumba rikunda kwitwa "la Grande Tribulation" Daniel 9:27 Kand' azosezerana na benshi isezerano rikomeye kumara iyinga rimwe: ni ryagera hagati azokurah' ibimazi n'amashikanwa; ugeseza azoza kw ibaba ry'ibizira; maz' ubuyobe buzosukwa kur' uyo ageseza, gushitsa ku muhero washinzwe ._
  • Umuce wa kane ugizwe n'ibimenyetso vyo kwijuru( signes cosmiques). Birasa cane nivyo abavugishwa bo mw'isezerano rya kera banditse bavuga ibimentetso bizoba bikikuje UMUSI W'UHORAHO umurongo wa 29
  • Soma kandi muri Yoweli 2: 30-31 5

    Nzoshira utwumiza mw ijuru no mw isi: amaraso n'umuriro no gupfunduka kw'umwotsi. 31 z Izuba rizocura umwiza, n'ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru uteye ubgoba w'Uhoraho .
  • Umuce wa gatanu ugizwe n'ikimenyetso ca nyuma tubona ari icumwana w'umuntu. Matayo24:30 Bun' ikimenyetso c'Umwana w'umuntu kizobonekera kw ijuru, ni ho amoko yose yo mw isi azoboroga, bazobona Umwana w'umuntu aje mu bicu vyo kw ijuru ari n'ububasha n'ubgiza bginshi .Uwo niwe kimenyetso " semeion" sindamusiga kw'Imana ije guheraheza umugambi wayo kwisi maze itwinjize mu bihe bishasha bizorangwa ninagukwa n'iremwa vyisi nsha nijuru risha aho ukugororka kuzoba. 2Petero 3: 7
  • Abigishwa bifuza kumenya ibimenyetso vyimpera yisi bibagira ko Yesu ariwe Kimenyetso , Uwo niwe twiteze. Niwe duhanga amaso. Ni kenshi twiga tukagenzura ibindi bimenyetso maze tugahusha ikimenyetso gisumba vyose Kristo ubwiwe.

    Ivyak 3:21 Arikw ijuru rikwiye kumwakira, gushitsa ku bihe vyo gusubira guhindura ibintu vyose bisha, nk'ukw Imana yavuze mu kanwa k'abera bayo yavugisha bose, uhereye ubga mbere na mbere

    vy'ingene izogenza vyose, igihe gikwiye gishitse, gukoraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw ijuru n'ibiri mw isi. ; Efeso 1:10

    Follow us

    Little Flock Copyright (c) 2026.All Rights Reserved

    Little Flock Ministries